KENYA: Babiri nibo bamaze gupfa mu mirwano ya Police n’abaje kwakira Raila Odinga

0
114

NAIROBI, KENYA – Ku minsi 17/11/2017 Abantu bagera kuri babiri (2) nibo bamaze gupfa mumishamirane ya Police y’iki gihugu n’abashigikiye Raila Odinga, utavuga rumwe na leta i Nairobi.

Imbaga y’abantu bari baje kwakira Raila Odinga ubwo yari agarutse mu gihugu nyuma y’iminsi itari mike bivugwa yuko yari yahunze kubw’impamvu z’umutekano muke. Raila Odinga yari yanze kuja mu matora y’umukuru w’igihugu yasubiwemo ku inshuro ya kabiri. Hari n’andi amakuru avuga yuko Igihe Odinga yashitse mugihugu, imodoka yiewe yoba yatewe ibyuka (OC Gaz).

Imbaga y’abantu baje kwakira Raila Odinga yashamiranye na Police y’igihugu.

Nakazirimwe ku minsi 20/11/2017 birateganyijwe ko urukiko rukuru rwo muri Kenya ruzasobanura neza impamvu aya matora ya kabiri y’umukuru w’igihugu yasubiwe mo mu bijanye n’amategeko.

Tubibutse yuko aya matora ya kabiri y’umukuru w’igihugu yatsinzwe na Perezida Uhuru Kenyatta wahoze nanone ari k’ubutegetsi bw’iki gihugu. Perezida Uhuru yatsindanye amajwi 98%. Tubibutse ko ari ntawundi bari bahanganye.

________________________

– Gira Ico Uvuze –

[democracy id=”current”]

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here