Leta Zunze Ubumwe za Amerika yahagaritse guha ‘Visa’ abaregwa kurya igiturire muri Congo…

0
185

WASHINGTON, DC – Ku munsi w’ejo nakane hashize, 21/06/2018 ishirahamwe rishinzwe gutanga ibyangombwa by’uruja n’uruza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cahagaritse kwemerera abategetsi ba leta ya Cogo kwinjira mu gihugu mu gihe bazaba baregwa kurya ibiturire.

Ukuye icaha co kurya ibiturire, Leta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko kandi mugihe umuyobozi wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo aregwa guhohotera ikiremwa muntu atazigera ahabwa uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika.

Kugeza nubu Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntiravuga impamvu nyamukuru yoba yatumye bafata iki cemezo, ariko ibikomeje gushirwa mu majwi nuko ngo Amerika itewe impungenge n’ibiri gukorwa muri Congo kuri none.

Tubibutse ko mukwezi kwa kabiri aribwo ibiro bya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, US Treasury Department’s Bureau of Foreign Assets Control (OFAC) byangiye general Muhindo Akili Mundos, Guidon Shimiray Mwissa (wahoze ari umu lieutenant nyuma akaza kuyobora inyeshamba), Gédéon Kyungu Mutanga (nawe wayoboye inyeshamba). Aba batatu tuvuze haruguru bangiwe na Amerika kwinjira mu gihugu ubwo baje bahunga Leta ya Congo. Zimwe mu mpamvu zatumye Amerika yanga ko binjira mu gihugu ngo ni kumpamvu z’ibyaha baregwa na Leta ya Congo.

Amerika yahakanye yivuye inyuma ko idashigiye namba ibyaha biri gikorwa na bamwe mu bayobozi ba Congo. Guhohotera ikiremwa muntu, kurya ibiturire ndetse no kudakurikiza amwe mu mategeko y’akazi bakora; bityo ibi bikaba ari bimwe mu bintu bituma Leta Zunze Ubumwe za Amerika yafashe iki cemezo kuko ishaka gufasha mu kurwanya igiturire no gushigikira amatora ategerejwe kuba mu kwa cumi na kabiri (December, 2018).

Nyuma y’iki cemezo cafashe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku ruhande rwa leta ya Congo bo ntaco bari bigera batangaza, ibi nabyo bikaba byateye abantu benshi urujijo kuko iki ari kimwe mu bibazo bishobora guteza impagarara mu gihugu.

Perezida Joseph kabila…

Tubibutse ko abantu benshi biteguye amatora ateganyijwe mukwa 12 aho bivugwa yuko hazotorwa uzasimbura prezida Joseph Kabila bivugwa ko yarengeje igihe ciwe yari yemerewe kuyobora iki gihugu.

Mu mwaka wa 2016 nibwo perezida Joseph Kabila byari biteganyijwe ko arangiza igihe ce kimwemerera kuyobora, ariko kuri none akaba avuga yuko adashaka kuva ku butegetsi; ibi nabyo bikaba biteye abantu benshi mu gihugu impagarara.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here