Maniema: Kipupu yigaruriwe na FARDC nyuma y’imirwano ikaze n’ingabo za Yakutumba…

0
128

Maniema, Sud Kivu – Amakuru atangazwa n’ingabo za FARDC avuga yuko igisirikare ca leta gikomeje gusubiza inyuma umutwe w’inyeshamba za Mai Mai iyobowe na General William Amuri Yakutumba. Izi nyeshamba zari zimaze iminsi mike zigaruriye akarere ka Lwiko na Kilembwe.

Ingabo za FARDC mu bikorwa byazo bya  Sekiteri (Secteur ) Sokola 2, k’umugoroba w’ejo n’akabiri nibgo zagabye igitero kuri izi izi nyeshamba zari zimaze kwigarurira aka karere. Biravugwa ko mu gitondo ca none n’agatatu ku minsi 19/09/2018 aribgo ingabo za leta zabashije kwigarurira umuhana wa Kipupu; uyu muhana ubarizwa ku birometerero birindwi (7km) uvuye i Mahemba mu cerekezo c’i Salamabira, mu Ntara ya Maniema.

Uhagarariye ingabo za FARDC yatangaje ko izi nyeshamba za Mai Mai zatakaje abarwanyi babo 3, abandi ko n’inkomeri nyinshi cane. K’uruhande rw’ingabo za leta  bavuga ko bapfushije umuntu umwe, 2 barakomereka.

Tubibutse kandi ko iyi mirwano ibaye nyuma yaho ingabo za Mai Mai iyobowe na Gen William Amuri Yakutumba igabye ibitero maze ikigarurira uturere dutandukanye two muri Porovensi ya Maniema.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here