KINSHASA, CONGO – N’Agatanu ku minsi 19/04/2019 urukiko mpanabyaha rwo muntara ya Katanga, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo rwatangaje ko rwahanaguye ibyaha Moise Katumbi yaregwaga ndetse ko rwanakuyeho igifungo c’imyaka itatu (3) yari yaraciriwe co gufungwa.
Moise Katumbi yaraciriwe iki gifungo kuva mu mwaka wa 2016 ari nayo mpamvu yari yatumye ahunga akerekeza i mahanga.

Nkuko byatangajwe na Me. Jean-Joseph Mukendi, umwe mu banyamategeko baburaniraga Moise Katumbi yagize ati:
Ndahamya neza yuko urukiko rwakoresheje ukuri kandi iki ni igihe co kuvugisha ukuri. Katumbi kuri none ni umwere kandi turashimira abacamanza bakurikije ukuri. – Me Jean-Joseph Mukendi –
Tubibutse yuko Moise Katumbi yigeze kuyobora intara ya Katanga nyuma akaza kuregwa ibyaha birimo kurya ruswa (igiturire). Katumbi yigeze no kuba inshuti magara ya Joseph Kabila, wahoze ari perezida wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, ariko nyuma bakaza kuba abanzi aho uyu Katumbi yaregwaga ibyaha bitandukanye.
Bimwe mu bindi byaha Katumbi yaregwa ga birimo kuba yarakoresheje ndetse akiba imwe mu mitungo ya leta mu buryo butazwi n’amategeko, ariko kuri none akaba yagizwe umwere nkuko tubikesha urukiko rukuru rwo muntara ya Katanga.