MONUSCO irashinja leta ya Congo kutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu…

0
210

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 23/11/2017 akanama gashinzwe umutekano muri Congo (MONUSCO) karashinja leta ya Congo guhohotera abanyagihugu barimo abana, abagore ndetse birimo no gufata abagore kungufu.

MONUSCO iravuga yuko kuva mukwezi kwa cumi k’uyu mwaka wa 2017 abantu bagera kuri 704 aribo bamaze gukorerwa ibikorwa bigayitse birimo kufatwa kungufu, gufungwa ndetse no kwicwa.

Kuva mukwezi kwa munani uyu mwaka wa 2017, abantu 441 nibo bahohotewe. Ukwezi kwa cenda, umubare warazamutse ugera kuri 644 nkuko byemezwa na MONUSCO.

Ibiro bishinzwe kurengera ikiremwa muntu Human Rightsbirashinja cane police, igisirikare ca FARDC ndetse n’abakora utuzi twa securite kuba aribo bakora ibi bintu bibi. MONUSCO kandi irashinja inyeshamba zo mumitwe itandukanye gukora aya mabi kuko aba civil bagera ku 135 nibo bishwe, abagore 25 nabo bari mubishwe kandi bafashwe kungufu. Province ya Ituri, Nord-Kivu, Sud-Kivu na Tanganyika nitwo duce dukomeje kuvugwa mo aya mahano.

Tubibutse yuko abasirikare ba FARDC batanu (5), aba police babiri (2) n’izindi nyeshamba zitatu (3) nibo bamaze kugezwe imbere y’ubucamanza kandi bamaze gucirwa urubanza baregwa bimwe muri ibi byaha byo kwica no gusambanya abagore kungufu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here