Igihugu ca Libya kiraregwa kugurisha abantu ku ama Dollars $400…

0
153

KINSHASA, CONGO – K’umunsi w’ejo hashize nagatatu ku minsi 22/11/2017 Republika Iharanira Demokrasi ya Congo yasabye ambasaderi wayo kuva mugihugu ca Libya nyuma yaho bivuzwe yuko iki gihugu ca Libya kigurisha bamwe mu Abakongomani bahungiye yo.

Nyuma y’iki cemezo cafashwe n’ubutegetsi bwa Congo, ibiro bishinzwe kurengera agateka ka zina muntu (Human Rights) byanenze iki gihugu kubw’iki gikorwa kigayitse.

Abantu bagurishwa…

Ibiro bishinzwe kurengera agateka ka zina muntu byasabye ubumwe bwa Afrika kugira ico bukoze mu kurengera ubuzima bw’aba bantu bagurishwa.

Perezida wa Senegal, Macky Sall nawe yagaye iki gikorwa anavuga yuko kigayitse cane ndetse kiri gutukisha ubumwe bwa Afrika.

Ikinyamakuru CNN kiravuga yuko iri gurishwa ry’abantu rigayitse kuko ngo rishaka kugarura amateka mabi y’ubucekara aho usanga umuntu agurwa ama dollars $400 hanyuma bakabesha ko babatwaye hanze.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here