Mu Rwitsankuku batewe ubgoba n’indege yakomeje kuzenguruka mu kirere caho.

0
208

FIZI, RWITSANKUKU – Ku gicamunsi ca none n’akane, ku minsi 27/12/2018 nibgo indege itaramenyekana neza yazengurutse mu kirere co mu Rwitsankuku; abaturage bayibonye bemezaga ko yarekuraga ibintu bimeze nk’umuriro n’umwotsi.

Umuturage uzwi kw’izina rya Rugira wo mu Rwitsankuku yadutangarije ko iyo ndege yaturutse mu kirere ca Kamombo kandi yasaga niya Monusco gusa impungenge zaje kuba nyinshi ubgo Monusco yabgiraga aba baturage ko ayo makuru itayazi.

Abaturage bakomeza bavuga ko iyo ndege yageze mu kirere ca Rwitsankuku maze ihazenguruka imara zitatu ariko irekura ibintu bimeze nk’umuriro n’umwotsi, nyuma yaho iza gukomereza mu cerekezo ca Mikarati. Iki gikorwa ca kanze abaturage maze baja kwihisha mu mazu.

Muri aka karere nta ngabo z’igihugu, FARDC, zihakorera, ibirindiro byazo bya hafi bikaba biherereye mu Mikenke.

Mu gihe igikorwa c’amatora cegereje, umutekano urasa n’uwakajijwe ahantu hose mu gihugu gusa abaturage bahora iteka bikanga bitewe nuko imitwe yitwaje intwaro muri kariya karere ari myinshi.

Nyuma y’ijambo Minisitiri Azarias Ruberwa aherutse kuvugira mu Minembwe ko bagiye kurandura imitwe y’itwaje intwaro mu karere k’imisozi miremire, abaturage batewe impungenge cane n’ingaruka zishobora kubageraho mu gihe hakoreshejwe imbaraga za gisirikare.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here