CHINA, BEIJING – Uyu munsi igihugu c’Ubushinwa cakuyeho imyaka umukuru w’igihugu yemerewe kuyobora igihugu, iri ni itegeko ryemejwe mu nama ya National People’s Congress iserukira abanya gihugu bo m’Ubushinwa.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru NBC, ubusanzwe iki gihugu c’Ubushinwa kiyobowe n’ingoma zibiri kuva mu mwaka w’i 1990 kandi Perezida Xi Jinping byari biteganyijwe ko azava k’ubutegetsi mu mwaka w’i 2023; ariko uyu munsi iri tegeko rikaba ryakuwe ho.
Aya matora akaba yaranzwe mo n’ibintu byinshi byanatumye iri tegeko ritambuka rikaza no kwemezwa n’abitabye iyi nama. Hashize imyaka itari mike ubwo aba Perezida bayoboraga iki gihugu c’Ubushinwa bemererwa kuyobora imyaka imyaka cumi, imbere yuko bava k’ubutegetsi. Mu myaka itanu ishize iki gihugu c’Ubushinwa nibwo cari kiyobowe na Perezida Hu Jintao nyuma za kurangiza ingoma ye ari nabwo Perezida Xi Jinping yaje gufata uyu mwanya.
Zimwe mu mpamvu zatumye iki gihugu gifata iki cemezo ngo nuko igihugu n’abaturage babona ko atari byiza gukuraho umuntu uri ku butegetsi kuko ngo mugihe umuntu avuye k’ubutegetsi imigambi y’iterambere isubizwa inyuma.
Bimwe mu bihugu bikomeye ku isi nti byashimye iri tegeko risha ryashizwe ho n’igihugu c’Ubushinwa kuko ngo byerekana ko iki gihugu kizaba kiri mu maboko y’umuntu umwe.