Umupadiri umwe yarashwe n’abantu bataramenyekana ubwo yari mw’ivugabutumwa muri Congo…

0
4

KINSHASA, CONGO – Mugihe hari hamaze iminsi mike hatumvikana indyane hagati y’abayobozi b’idini rya gaturika n’abadashigikira amahoro mu gihugu, uyu munsi biravugwa ko umwe mu bayobozi b’iri dini rya gaturika yishwe arashwe n’abantu batabashije kumenyekana muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo; biravugwa ko inyeshamba za Mai Mai arizo zikomeje gushirwa mu majwi yo kuba arizo zakoze ayo mahano.

Amakuru dukesha bimwe mu binyamakuru bitandukanye bikorera mu gihugu biravugwa ko Padiri Nsengiyumva Etienne, ukomoka muntara ya Masisi ahitwa Rutshuru yarashwe ubwo yari mu ivugabutumwa imbere.

Padiri Etienne yari umunyamabanga mukuru muri paroise yitwa Kitchanga isanzwe ikorera muri kano karere ka Rutshuru, Masisi.

Nubwo bikomeje gushirwa mu majwi ko ari inyeshamba za Mai Mai zakoze ayo mahano, ku ruhande rwa leta ndetse na Mai Mai nta numwe wari yagira ico avuga cangwe ngo atunge undi agatoki ko ariwe wakoze ayo mahano.

Imurenge.com turihanganisha umuryango, idini rya Kiriziya ya Gaturika ndetse n’igihugu kubwo kubura intwari. Imana imuhe iruhuko ryiza.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here