Umushitsi wahitanye abantu 348 muri Iran, abandi benshi barakomereka…

0
137

DARBANDIKHAN, IRANI – Ku minsi 13/11/2017 umushitsi (Nyamugigima) ufite imbaraga zingana n’ibice 7.3 ku igipimo ca Richter (7.3 Magnitudes) yakunduye amazu menshi ku mupaka w’igihugu ca Iran na Iraki. Abantu bagera kuri 348 ‘uyu mushitsi, abandi ibihumbi nabo bakomeretse.

Abanya iran baririra ababo bishwe n’uyu mushitsi…

Abenshi mu bapfuye baturuka mu ntara ya Kermanshah iri mu burengero bwa Irani, no mumuji wa Darbandikhan, aho bivugwa ko hafi y’abantu bagera kuri 5,660 nabo bakomeretse.

Abantu barindwi (7) nibo bapfiriye mugihugu ca Iraki, ubwo bariko biruka bahunga mu mabarabara ku murwa mukuru wa Iraki, i Baghdad.

Amazu yakundutse…

Umuvyeyi w’abana batatu, Majida Ameer, yabwiye abanditsi n’amakuru uko byagenze. Yagize ati:

Nari nicaye munzu n’abana banje, twari ku meza dufungura ubwo uyu mushitsi wabaye. Nyuma yaho gato nibwo twaje kumva inzu turimo yishaganya. Nyuma yaho nahise mbwira abana ngo bihishe munsi y’ameza. Hanyuma yaho gato numva abaturanyi bose hirya no hino bavuza induru bavuga bati: Umushitsi wabaye! – Umwe mu barokotse uyu mushitsi – 

Kugeza aya masaha abatabazi bakomeje gufasha abo bahuye n’iri sanganya ry’umushitsi aho bagerageza gukura abantu munsi y’ibihome by’amazu byabaguye ho.

Imurenge.com, turakomeza kubageza ho aya makuru mugihe hagize igihinduka.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here