Umutoza Florent Ibenge mu mayira abiri

0
213

KINSHASA, RDC –  Florent Ibenge, umutoza w’ikipe yigihugu yakabumbu kamaguru, Les Léopards, ashobora kwirukanwa ku mirimo ye ?igisubizo kizaboneka ku minsi 13/12/2017, nyuma y’inama izahuza ubunyamabanga nshingwa bikorwa bw’ishirahamwe ry’akabumbu kamaguru muri Congo (FECOFA) ndetse n’itsinda rishinzwe gutoranya abakinnyi mwikipe y’igihugu.

Ibi byatangajwe ku munsi wejo n’akabiri ku minsi 5/12/2017 na Constant Omari Selemani, umuyobozi mukuru wa FECOFA(Fédération congolaise de football association) bwana Constant Omari Selemani mu kiganiro n’abanyamakuru i Kinshasa.

Ubundi amasezerano y’umutoza Florent Ibenge azarangira mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’2018, twamushiriyeho umushinga uzwi wo gushira ku murongo ikipe y’igihugu, ndetse twifuzaga ko yatugeza mu gikombe c’isi kizaba 2018 hamwe n’icafrika kizaba 2019. Twamuhamagaje mu nama nk’abayobozi ba kabumbu mu gihugu ku minsi 13/12/2017…… mwibukeko twagarukiye ku muryango mu guhatanira tike yo kuja mu gikombe c’isi ndetse twitwaye neza rwose n’amanota ashimishije, hasigaye gushaka itike yo kuja mu gikombe c’afarika c’ibihugu muri 2019 -Constant Omari Selemani –

Florent Ibenge ni umutoza wa Les Léopards kuva muri 2015, yabashije kugeza ikipe y’igihugu ku mwanya wa 3 muri CAN 2015, mu gihe harihashize imyaka 17 iyi kipe itagera kuri uyu mwanya.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here