Umutwe w’intagondwa, Boko Haram wongeye kwica abantu 19 m’umuhana wa Borno…

0
104

BORNO, NIGERIA – Ku minsi 20/08/2018 mu gace ka Borno, mugihugu ca Nigeria hongeye kuvugwa ubwicanyi aho umutwe w’intagondwa, Boko Haram wongeye kwica abantu 19, abandi barenga amajana bakaba bahunze; umubari w’abakomeretse wo ukaba ukomeje kwiyongera.

Abarwanyi ba Boko Haram…

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Al Jazeera, umwe mu bantu bacitse ku icumu ubu bwicanyi, Abatcha Umar, yavuze yuko hari niposho ku minsi 18/08/2018, ku gihe c’isaha umunani za mugicuku (2:00 AM), buca ari niyinga kuminsi 19/08/2018, ubwo abantu bitwaje imbunda bateye umuhana wa Malari ari nabwo bishe abantu icumi n’icenda (19).

Umar ubwe yemeza ko yiboneye imirambo y’abantu 19, barimo na murumuna we nawe wishwe n’aba barwanyi ba Boko Haram; yavuze kandi ko iyi mirambo yaje kuyibona nyuma y’igitero ubwo izi ntagondwa zamaraga kwica zigahita zisubira iyi zaje zituruka.

Nubwo abatu 19 aribo bavugwa ko bishwe, abatabazi b’abagira neza (Croix Rouge) bo bavuga ko imirambo yose bashoboye kubona igera kuri 63, bavuga ko batarashobora gutandukanya abaturage ndetse n’abarwanyi ba Boko Haram kuko mbere yo kwica aba baturage bivugwa ko babanjije kurwana kuko aba baturage nabo bakoresheje imbunda bashaka gukiza amagara yabo n’ibyabo.

Kuri none abantu amajana bashoboye guhungira mu mihana yegereye Borno, ariko bivugwa yuko abantu benshi bahungiye mu muhana witwa Monguna ari naho bakomeje kurindirwa umutekano wabo.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here