Urukiko rw’ubujurire ibukavu rwemeje ba 3 muri 4 baribakuwe kurutonde rw’abitoza na CENI…

0
142

BUKAVU, SUD-KIVU – Nyuma yaho akanama k’igihugu gashinzwe gutegura amatora, Commission Electorale Nationale Indépendante (CENI) kakuye kurutonde bamwe mu bitoreza kuyobora intara ya Kivu y’amajyepfo. Umwanya wa guverineri (gouverneur) ndetse nicegera ciwe niyo aba bitozaga bari guhanganira; batatu muri bane bahisemo kujana ikirego m’urukiko rw’ubujurire kuko bavuga yuko batari bashimishijwe n’icemezo cari cafashwe n’akanama CENI.

Corneille Nangaa, uhagarariye akanama CENI…

BITAKWIRA Justin, KALONDA Gabriel hamwe na MWANZA Shenila nibo bemejwe n’urukiko rw’ubujurire i Bukavu kongera gushirwa k’urutonde rw’abahatanira kuyobora Kivu y’amajyepfo (SUD-KIVU). Bivugwa yuko urwo rukiko rwatesheje agaciro icemezo cari cafashwe na CENI co gukura kurutonde 4 mu bakandinda 7 bahataniraga kuyobora iyi ntara.

Biravugwa kandi yuko akanama CENI Karega aba bitoza kuba barashatse kwitoza nk’abakandida bigenga kandi bafite ama Shaka (Parti politique) babarizwamo kandi ibitahawe agaciro n’urukiko. Umucamanza w’uru rukiko yavuzeko icemezo cari cafashwe na CENI co gutesha agaciro kwitoza kw’aba bakandida carimo ivangura .

Tubibutseko umwe mubaregwaga n’ico kibazo, BITAKWIRA Justin yari yavuzeko uku kutemererwa kwitoza hariho ikibyihishe inyuma ndetse akabishinja bagenzibe bo mwihuriro Front commun pour le Congo (FCC).

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here