Abarwanyi 67 mubahoze ari inyeshamba za M23 nibo batashe bava mu gihugu ca Uganda…

0
152

GOMA, NORD-KIVU – Inkuru dukesha ikinyamakuru 7sur7.cd ivuga yuko ku minsi 26/02/2019 abahoze ari abarwanyi ba M23, yahoze iyobowe na Bertrand Bisimwa ndetse na Sultani Makenga (wahoze ari umukuru w’ingabo) nibo batahutse bava mugihugu ca Uganda aho bari bamaze iminsi bari mu buhungiro.

General Sultani Makenga, wahoze ari umukuru w’ingabo za M23…

Hari ku kibuga c’indege ca Goma, muntara ya Kivu y’amajyaruguru, muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo ubwo indege yagisirikare y’umuryango mpuzamahanga (UN) yashikanye bamwe mu bemeye gutaha. Bagishika kuri iki kibuga, aba barwanyi bakiriwe n’umukuru w’ingabo za leta ya Congo muriyo ntara, Général NDAYWEL Christian ndetse n’abaserukiye amashirahamwe mpuzamahanga nka SADC, CIRGL, UA na UN.

Bertrand Bisimwa, wahoze ayoboye umutwe wa M23…

Umwe muri aba barwanyi yavuze yuko gutaha kwabo biva ku kurambirwa no kuba m’ubuzima bw’impunzi mu makambi babagamo mugihugu ca Uganda.

Tubibutse ko izo nyeshamba zahungiye mugihugu ca Uganda ndetse n’urwanda mumpera zumwaka wa 2012 nyuma yaho batsindiwe k’urugamba n’ingabo za leta ya Congo (FARDC).

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here