GOMA, CONGO – Nyuma y’inkuru yatangajwe n’ingabo za leta ya Congo ivuga ko hari bamwe mu bahoze ari abarwanyi ba M23 bavuye mu buhungiro, ubuyobozi bwa M23 bwatanze itangazo ribeshuza aya makuru ko ari ikinyoma kandi ko nta murwanyi wabo wifuza gutahuka.
Iri tangazo ryashizweho umukono n’umunyamabanga mukuru (Secrétaire Exécutif) wa M23 Ir. MBONIMPA Benjamin, ryashizwe ahagaragara mugihe bivugwa ko ahari ejo n’akabiri ku minsi 26/02/2019a hari abarwanyi 67 bahoze muri M23 bakiriwe n’ingabo za leta ya Congo, kukiwanja c’indege ca Goma bava mugihugu ca Uganda.
Ubuyobozi bwa M23 bwemeza yuko bamwe murabo batashe arabaturage ba Congo ndetse n’abanyamahanga bari basanzwe batuye muri Uganda ndetse abandi bakaba abahoze mu mihari y’inyeshamba z’abanyamahanga bazwi mukarere, ariko ko ntaho bahuriye n’abarwanyi bayo babarizwa munkambi ya BIHANGA, Uganda.
Muri iri tangazo kandi, M23 ikomeza ivuga ko abo batashe bahawe amafaranga ndetse bakemererwa no kuzinjizwa mugisirikare c’igihugu FARDC.
Soma iri tangazo:

