Abahunze bava mu ntara ya Ituri bavuga ko badashobora kugaruka mu gihugu kubera impamvu z’umutekano muke…

0
158

ITURI, CONGO – Nkuko byatangajwe kandi byemejwe n’ishirahamwe rishinzwe kurinda amahoro mu gihugu (MONUSCO) bavuga ko abantu barenga 100.000 bo mu ntara ya Ituri aribo bamaze guhunga muri Republika Iharanira Demokarasi ya Congo kubg’impamvu z’umutekano muke. Aba bose bakaba bavuga ko bahunga kubera impamvu z’umutekano wabo muke kuko ngo bakomeje guhohoterwa n’imitwe y’inyeshamba itandukanye.

Nubwo uyu mubare watanzwe, leta ya Congo yo ivuga ko uyu mubare ntaho uhuriye na gato n’umubare w’abantu bahunze igihugu leta ifite. Leta yahakanye ivuga ko byibuze icumi kw’ijana (10%) c’uyu mubare watanzwe aribo bahunze igihugu. Ikindi, leta ya Congo ivuga ko abo bose batahunze imitwe y’inyeshamba kuko hari n’abahunze inzara.

Ikibazo c’ inzara ndetse n’ icinyeshamba gikomeje kuba agaterera nzamba muri DR Congo, bikaba bikomeje kuraza inshinga imiryango mpuzamahanga itandunye.

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here