
DAR ES SALAAM, TANZANIA – Nagatatu ku minsi 8/11/2017 haravugwa amakuru y’abana 6 bahitanwe na grenade abandi 25 barakomereka i Dar Es Salaam muri Tanzania. Biravugwa yuko aba bana bahoze bakinisha grenade batoye.
Batandatu muri bo bahise bacikana (bitaba Imana) bakigera kwa muganga, abandi baracariko bakurikiranwa n’abaganga aho bari kuvurirwa kubitaro bya Rulenge (Rulenge Hospital).

Tubibutse yuko iyi gerenade yaturikiye mugace ka Kagera, ahegereye umupaka w’u Burundi na Tanzania. Aho habereye ibi byago haranzwe cane cane n’intambara ninshi cane. Ni hamwe muduce twagiye tuba mo impunzi ninshi ndetse zikekwa kubamo abahoze ari inyeshamba bashobora kuba barasize iyo grenade hanyuma ababafunzi bakayitora. Nibwo batangiye kuyikinisha batayizi, ihita ibahitana.

Umuvugizi wa police i Kagera, Chief Augustine Orome yavwiye abanditsi n’abanyamakuru yuko kuri ubu umutekano ari wose kandi abo banafunzi bajanwe kwa muganga. Yakomeje avuga ko nanone hagiye gukorwa iperereza kugira ngo bamenye neza nimba ari ukuri ko iyo grenade yatowe cangwe ari nta woba yazanye muri abo banafunzi.