Abantu 18 nibo basize ubuzima mu mpanuka i Bunyakiri

0
123

Mu gitondo cagatanu ku minsi 15/12/2017, mw’ibarabara numero 3 riva Bukavu-Kisangani ahitwa Bunyakiri, habereye impanuka ikomeye yahitanye abantu 18 ndetse abagera kuri 20 barakomereka.

Kugeza ubu abagera kuri 8 nibo barembye cane kurusha abandi ,baka barikwimurirwa mu bitaro bikuru bya Bukavu ngo barebeko baramira ubuzima bwabo.

Jean MWANUKA, umuyobozi wiposita nkuru ya Bunyakiri, yemeje ayamakuru avugako imodoka nini y’ikamiyo(Camion) yo mu bwoko bwa Mercedes-Benz yaritwaye abantu n’imizigo myinshi, yageze Bunyakiri irabiranduka kubera ubunyerere bw’ibarabara.

Umuyobozi wa sosiyete sivile mu karere ka Bunyakiri ,bwana Didier KITUMAINI, iwe asaba ubuyobozi bw’igihugu gukora byihutirwa iri barabara.

Ibarabara Bukavu-Bunyakiri riteye impungenge abacuruzi n’abandi bose barikoresha kubera ububi bwaryo nk’uko Radio Maendeleo yabitangaje.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here