
NEW YORK, AMERIKA – Ku minsi 31/10/2017 mumuji wa New York haravugwa igitero cahitanye abantu 8 ndetse hakomereka abandi 11 mu gitero cagabwa n’icihebe ca ISIS.
Mu nkuru dukesha Fox News, biravugwa yuko iki gutero cagabwe n’umwe mungabo za ISIS wari amaze iminsi mike muri Amerika. Uyu wakoze aya mahano akaba yari akiri impunzi, afite green card, yari atarabona ubwene gihugu ca Amerika, akaba akomoka mu gihugu ca Uzbekistan.
Tubibutse yuko iki gitero cabereye ahitwa Lower Manhattan, ahegereye umurwa mukuru wa New York, World Trade Center ahigeze kuba igitero ku minsi 11/9/2001 ubwo ikindi cihebe cahitanye abantu benshi cane.
Uyu wakoze aya mahano akaba yitwa Sayfullo Saipov, w’imyaka 29 y’amavuko.
Abahabaye baravuga yuko ngo akimara gukora aya mahano ngo yahise akoresha rimwe mu magambo akunze gukoreshwa n’aba Islamu “Allahu Akbar”. Iki gitero kandi yagikoze mu buryo butunguranye, ubwo yakoresheje imodoka yo mubwoko bwa camion.
Biravugwa kandi yuko uyu wakoze aya mahano akiri mumaboko ya police. Saipov wakoze aya mahano akaba yaraswe na police.
Saipov wakoze aya mahano yageze muri America mu mwaka wa 2010 ndetse akaba yari afite license yo muri Florida ariko ngo akaba yaratuye muri New Jersey.

