Abantu barenga 80 baburiwe irengero muri Nigeria, byemezwa ko bafashwe n’abantu bitwaje imbunda…

0
157

KADUNA, NIGERIA – Amakuru atugeze ho mu mwanya avuga ko ejo nakazirimwe ku minsi 14/05/2018 abantu barenga mirongo umunani (80) baburiwe irengero muntara ya Kaduna, Nigeria. Byemezwa ko aba bantu bose batwawe n’umutwe w’inyeshamba witwaje imbunda utarabasha kumenyekana.

General Chukwu aherekejwe n’ingabo ze i Katuna

Amashirahamwe atandukanye arengera ikiremwa muntu muri Nigeria yemeza ko aba bantu bafashwe n’izi nyeshamba mu gihe bari bategereje imodoko zibatwara, aba bantu bari bategereje imodoka kw’ibarabara rikuru rija mu murwa mukuru wa Nigeria, Lagos ari nabwo baje guhura n’izi nyeshamba zitwaje imbunda zikabategeka kwinjira mu modoka zabo.

Kugeza kuri uyu mwanya twandika iyi nkuru, Police ishinzwe kurinda umutekano muri Nigeria ntirashobora kumenya irengero ry’aba bantu kandi n’abatwaye aba bantu ntibaramenyekana.

Ejo nakazirimwe hashize nibwo umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria, General Chukwu yashoboye gusura aka karere kabuze abantu aho yahumurije imiryango yabuze ababo ndetse anababwira yuko igisirikare kigiye gukora ibishoboka byose kugira ngo aba bantu batahe mu ngo zabo.

Nyuma yo guhumuriza iyi miryango, General Chukwu yavuze yuko hagiye gutorerwa umuti ikibazo z’umutekano muke uvugwa muri kano karere ka Kaduna.

Tubibutse yuko mu minsi mike ishize abandi bantu barenga mirongo irindwi (70) bishwe n’abantu bitwaje imbunda, aha ni mu iyinga rishize.

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here