Yaciriwe igifungo c’imyaka 20 azira icaha co kwica abantu batatu akoresheje imbunda…

0
124

KASAI, CONGO – Hari ku minsi 30/04/2018 buca ari ku munsi 01/05/2018 ubwo umuntu wari witwaje imbunda yinjiye mu muhana wa Kamuina Nsapu akica abantu batatu. Nyuma yo kwica aba bantu batatu, uyu wakoze aya mahano yaje gufatwa ndetse ashikirizwa urukiko. Uyu waje gufatwa yari umwe mu ba Police ba leta ya Congo, Kaponia Muenyapale ari nawe waciriwe gufungwa imyaka mirongo ibiri (20 ans) kubera iki caha co kwica.

Kaponia bakunze kwita “Kapo” urubanza rwe rwatangiye ku minsi 03/05/2018 ubwo byari biteganyijwe ko urubanza rwa nyuma ruza kuba uyu munsi. Zimwe mu mpamvu zatumye bigiza iminsi y’urubanza inyu kwari kugira ngo abadimu bahibereye kandi bafite gihamya bashobore kwitaba uru rukiko bashobore guhamya ibyo babonye. Nyuma yaho aba badimu bahamije ko Kapo ariwe wakoze aya mahano, urukiko rwaje gutangaza ko Kapo akwiye gufunga imyaka mirongo ibiri (20 ans) bijenye n’itegeko rihana uwakoze iki caha.

Tubibutse ko Kapo yari umwe mu bari bashinzwe kurinda umutekano, Police y’igihugu, yakoreraga mu ikambi ya gisirikare aho mu muhana wa Kamunia Nsapu yakoreye aya mahano. Nyuma yo gufatwa n’iki caha Kapo yasabye imbabazi aho yemeje ko yigeze gukorana n’imitwe y’inyeshamba kuva mu mwaka wa 2017.

Ikindi caha cafashe Kapo ngo nuko yoba yarigeze kuva aho yari asanzwe akorera, Kananga akaja mu ikambi ya Kamunia Nsapu atabifitiye uruhusha; iri naryo ni irindi kosa ryaje kwemezwa n’urukiko kuko bigaragaza ko yoba yaragambiriye kwica aba bantu.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here