Abantu batari bake bahunze igihugu ca Congo baja muri Zambia…

0
209

KINSHASA, CONGO – Abantu bagera ku 12,000 nibo bahunze iigihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo baja muri Zambia nkuko byatangajwe n’ishirahamwe ryita ku impunzi UNHCR.

Ubuyobozi bwa UNHCR bwavuze yuko abamaze kugera k’ubutaka bwa Zambia barenga 8,400 muri aya amazi atatu ashize, kuva mukwezi kwa cenda. Ibi byose biragenda bigaragaza ko igihugu ca Congo kidafite umutekano uhagije.

Biravugwa kandi yuko bamwe mu abaturage bakoje kwicwa bazira kwamagana ubutegetsi bwa Perezida, Joseph Kabila.

Police irinze umutekano mumuji wa Kinshasa…

Kuva aho abantu benshi bakoreye imyigaragambyo yabereye ku minsi 30/11/2017, imodoka za gisirikare zikomeje kuzunguruka muumuji wa Kinshasa kugira ngo barinde abakomeza kubuza umutekano mugihugu.

Umuvugizi wa UNHCR, Babar Baloch aravuga yuko abaturage barenga 200,000 aribo bamaze guta ibyabo bahunga igihugu ca Congo berekeza mu ibindi bihugu bitekanye.

Ukuze imibare neza, usanga abantu bata ibyabo bahunga buri munsi bagera ku 6,500. Aba bantu usanga berekaza muri Zambia kuko iki gihugu arico cegereye kandi kivuga ko arico kirimo umutekano kurusha igihugu ca Congo. – Babar Baloch –

Baloch avuga kandi ko ibice 80% harimo abana, abagore, abasaza ndetse n’abakencuru. Aba bose bagenda bahunga imitwe myinshi yitwaje imbunda.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here