NORD-KIVU, CONGO – Ku minsi 5/12/2017 ishirahamwe ry’
Nkuko byatangajwe n’umuyobozi w’iri ishirahamwe, Anna Halford, yavuze ko abakozi be bahohotewe ndetse akaba asaba ko hakorwa iperereza kugira ngo abakoze ibi bafatwa bagahanwa n’ubutegetsi.

Ibi biduca intege kubona, biratubabaza. Birambabaza ukuntu aritwe dukomeza guhura n’ibi ibibazo kandi dufasha abarwayi, inkomeri. Ntabwo dukorera inyungu ukuye gufasha abaturage. Turi hano kubwo kurengera ubuzima bwa kiremwa muntu, ni kuko ibyo dukora bidashimisha buri wese? – Anna Halford –
Akimara kuvuga aya amagambo, Anna Halford, yahamagariye abaturage ndetse n’abayobozi kwita ku abakozi ba Médecin Sans Frontieres kuko bakora uko bashoboye kugira ngo bafashe abaturage batishoboye.
Anna Halford yavuze ko Médecin Sans Frontieres imaze kuvura abantu hagati ya 500,000 na 600,000 mur Congo.

Abateye Médecin Sans Frontiere batwaye imiti ivura ndetse bajana n’amafaranga y’abakozi. Ndetse biravugwa yuko bamwe mu abakozi bakubiswe cane mbere yuko aba abagizi ba nabi bajana ibi bikoresho.
Kuva mu mwaka wa 2015, ibi biro bya Médecins Sans Frontieres bikorera Mwesso bimaze kwibwa inshuro zibiri.
Muri aya mezi ane ashize, abantu bashika 450,000 nibo bamaze gufashwa n’iri ishira hamwe rya Médecin Sans Frontieres.
Biravugwa yuko abantu bane bakorera ishirahamwe Médecins Sans Frontieres, bakomoka mu Ubufaransa, bashimutswe muri kino gitondo muri territoire ya Rutshuru (North Kivu) n’abantu bitwaje imbunda batabashije kumenyekana.