Abasirikare 6 ba Congo baguye mi mirwano aho bari bahanganye n’ingabo z’u Rwanda…

0
120

KINSHASA, CONGO – Igisirikare c’Urwanda kirahakana amakuru igisirikare ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo ivuga ko abasirikare babo 6 bishwe n’igisirikare c’u Rwanda.

Umuvugizi w’igisirikare ca Congo, General Bruno Mandevu yavuze ko hari intambara yadutse muri Virunga National Park, aho inyamanswa zisanzwe zirindiwe umutakano ku butaka bwa Congo.

Iyi mirwano yatangiye nakabiri ubwo ingabo za Congo zivuga ko zari ku marondo nkuko zisanzwe zibigenza. Nyuma nibwo baje kugwa mi mitego y’ingabo z’Urwanda nkuko igisirikare ca Congo kibivuga.

Igihugu c’Urwanda catangiye gutungwa agatoki na leta ya Congo cane cane kuva mu mwaka wa 2012, kuva aho inyeshamba za M23 yari iyobowe na Laurent Nkunda zarwanya leta ya Congo. Bityo leta ya Congo ikaba ivuga ko uyu mutwe wa M23 wari ufashijwe n’Urwanda.

Biravugwa ko aya makimbirane hagati y’ibi bihugu byombi ashobora gutuma haduka indi ntambara ikomeye muri kano karere k’ibiyaga bigari (Great Lakes Region). U Rwanda biravugwa ko kuri none rumaze kugaba ibitero bitari bike igihugu ca Congo kuva  mu myaka yatambutse.

Umuvugizi w’igisirikare c’u Rwanda, colonel Innocent Munyengango, yemeje ko iyi ntambara yatewe nuko ingabo za Congo zarenze ubutaka bwa Congo zinjira k’ubutaka bw’Urwanda. Yongeye kuvuga ko ari nta musirikare w’u Rwanda wapfuye muri kino gitero.

Abasirikare ba Congo nibo baciye ku mategeko aho binjiye mu birindiro byacu, baradutera. Abasirikare bacu bahise babarwanya.

Leta y’Urwanda yongeye gushimangira ivuga ko abasirikare ba Congo aribo batangije iyi mirwano, aho binjiye muri distriki ya Musanze ahitwa Shingiro. Bityo bikaba byaratumye abasirikare b’Urwanda bashaka kurengera ubutaka bwabo. Bagize bati:

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here