KINSHASA, CONGO – Bamwe mu bayobozi b’idini rya gatolika mumuji wa Kinshasa bari batangarije abayoboke b’idini rya gatolika ko uyu munsi 10/02/2018 ariho baza kwibuka abandi bayoboke babo bishwe kuva mukwezi kwa 12/31/2017 ndetse no mukwezi kwa mbere ku minsi 21 ubwo baraswaga na police y’igihugu.
Abahoze batunganya iyi myiyerekano, basabye Perezida Kabila kudasubira kwitoza mu amatora ateganyijwe kuba mukwezi kwa 12 uyu mwaka kuko bakurikije itegeko ry’igihugu, riravuga ko umuntu wese atemerewe kutoza incuro zirenga zibiri. Ariko bikaba bivugwa ko perezida Kabila we ashaka kwitoza ku ncuro ya gatatu.
Kuva mukwezi kwa 12 kugeza mu kwa mbere, birabugwa ko abantu 15 aribo baguye mu myiyerekano yari yatunganijwe n’abayoboke b’idini rya katolika.
Umwe mu bayobozi b’iri dini yavuze ko badashobora kwihanganira ibi bikorwa bigayitse leta ikomeje gukora, yagize ati:
Ntabwo turi abanya politike habe na mba, ahubw biratubabaza iyo tubona abantu bakomeza kwichwa n’abashinzwe kuturindira umutekano. Turaharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu kandi tukaba dusaba leta ya Congo kuduha uburenganzira. – Umuyonozi w’idini, i Kinshasa –
Yakomeje kwibutsa leta ya Congo ko ico basaba ari amahoro kandi ko badashaka kongera kubona amaraso ameneka mu gihugu.
Ku ruhande rw’abayobozi ba Leta ya Congo, nta numwe wigeze agira ico avuga kandi biravugwa ko muri iyi myigaragambyo hari hitabye abantu benshi kandi bagaragaje akababaro ko kwibuka ababo babasize.