Tanzaniya irashaka guhagarika umugambi wo gufasha impunzi…

0
137

DAR ES SAALAM, TANZANIA – Igihugu ca Tanzaniya cari gisanzwe gicumbikiye impunzi z’Abarundi ndetse niza Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, catangaje ko kigiye guhagarika umugambi wo gukomeza gufasha izi mpunzi.

Tanzaniya yari icumbikiye impunzi nzigera ku 350,000 kuva muri ibi bihugu byombi twavuze haruguru. Izi mpunzi zahunze ibibazo by’intambara zagiye zirangwa hagati mu bihugu aho wasangaga udutsiko tw’abantu bitwaje imbunda bakomeza guteza umutakano muke mukarere. Aha twavuga abarwanya ba Mai Mai ibarizwa muri Congo.

Kuri none igihugu c’Uburundi nico gisa n’igitekanye kuko ubu nico gihugu cakira izindi mpunzi ziva muri Congo havugwa intambara hagati y’inyeshamba za Mai Mai ya Yakutumba ukomoka mukarere ka Fizi.

Prezida wa Tanzania, John Magufuli akaba yavuze ko igihugu ca Tanzaniya kigiye guhagarika umugambi wo kongera gufasha izi mpunzi.

Mu mwaka ushize iki gihugu ca Tanzaniya niho cahagaritse kongera kwakira impunzi ziva hirya no hino mukarere k’ibiyaga bigari (Great Lakes Region). Kuva ico gihe, Tanzania yasabye igihugu c’Uburundi gutahura impunzi zabo zari zibarizwa muri Tazania.

Ishirahamwe UNHCR rishinzwe kwakira impunzi rikaba ritashimye na gato umugambi leta ya Tanzania yafashe, kuko ugereranije intambara zibarizwa mukarere, biravugwa ko iki gihugu kitari gikwiriye gufata iyi ngingo.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here