BEIJING, CHINA – Igihugu c’Ubushinwa gikomeje gusaba Leta Zunze Ubumwe za Amerika kureka kubatunga agatoki, babashinja gukora imbunda za rutura.
None niyinga ku minsi 04/02/2018,Chang Wanquan, ministre w’ingabo w’Ubushinwa yavuze ko igihugu c’Ubushinwa arico gifite intwaro ninshi ku isi kandi zitandukanye, ariko arico gihugu gifitanye umubano mwiza n’ibindi bihugu hose ku isi.

Biravuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika yoba yatewe amakenga n’ibi birwanisho leta y’Ubushinwa ifite ko iki gihugu gishobora kuba ari kimwe mu bihugu bifasha abatavuga rumwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igisirikare ca Amerika co kivuga ko intwaro Ubushinwa bufite ari nini ku buryo hari n’igihe izi ntwazo zoba zidakoreshwa mu buryo bwemejwe n’amategeko agenga intwaro za rutura.