BUKAVU, SUD-KIVU – Nyuma y’aho Minembwe yemerewe gukora ari Komini (commune), Mukiza Gadi bourgmestre wa komini Minimbwe yabgiye Imurenge News Agency bimwe mu bibazo byihutirwa muri Minembwe.
Ibarabara
Usibye ikibazo c’Ibarabara riva epfo avugako ribagoye birenze ariko kandi bakaba batarishoboye, kuba barabonye Komini ni uruvugiro bazaguma kuvuza induru kuri Leta ndetse n’abandi bagira neza.
Guca amabarabara mu Minembwe (urbanisation).
Ubuyobozi busha burateganya kandi guca amabarabara kugirango Minembwe ibe yubatse mu buryo bwa kijambere, ngo n’ubgo yoba ivile (ville) nto ariko izabe isa neza. Kuri iyi ngingo ariko, baracafite ikibazo c’abantu bari hirya no hino kw’isi bagiye bafata cangwe bagura ibabanza mu Minembwe kur’ubu bikaba biraho gusa bidahaye byubakwa. Aha Umukuru wa komoni arasaba abafite ibibanza ko baza bakabyubaka kuko mugihe bitubatse bibangamira imyubakire ya Minembwe.
Kwigisha abantu guhindura imyumvire
Aha cane bireba abakuru b’amatorero kuberako amakanisa yagiye agaragaramwo amacakubiri, aha umukuru wa komini asanga abakozi barataye inshingani zabo agasabako abakozi b’Imana imvukira za ruguru bari hirya no hino boza guhugura abakozi. Kuri we ngo ntiyumva ukuntu Yesu umwe basenga wabahuje n’aba shinwa (chinois) n’abarusiya ariko amakanisa mu Minembwe akaba arimwo amacakubiri ndetse iyi virusi y’aya macakubiri aturuka mw’ikanisa yinjiye cane mu basore,
Abasore
Abasore kenshi ngo usanga aribo bagiye mu mitwe yitwaje ibirwanisho, ikibandi, kunyaga; ni nabo kandi usanga bari mubikorwa bzo kubombora no kubomboka, aha yavuzeko bateganya kwifashisha amakanisa ngo barwanye uyu muco mubi yiseko ari igipepo.
Ikibazo c’umutekano avugako kuri ubu leta yagihagurukiye ubu ikaba ihaye ihiga imitwe yose yitwaje ibirwanisho.
Hari kandi ikibazo c’isoko ry’agatanu ndetse n’ikibuga c’indege bitazitiye,
Ibitaro bikuru bya Minembwe bitagifite ama pompe azamura amazi, uburuhukiro (morgue), kubona imiti ndetse n’ubundi bushobozi muri rusange.