BIZIBA: Inka zirenga 800 zongeye kunyagwa n’inyeshamba za Mai Mai…

2
223

MINEMBWE, SUD-KIVU – Niyinga ku minsi 8/12/2019, mukarere ka Minembwe haravugwa amakuru y’inka zirenga 800 zongeye kunyagwa n’inyeshamba za Mai Mai.

Nkuko tubikesha umuturage wo mu Biziba, aho izi nka zabarizwaga mbere yuko zinyagwa n’izi nyeshamba. Avuga uburyo izi nka zanyazwe n’izi nyeshamba kandi ingabo za leta (FARDC) yegereye aho izi nka zabarizwa ga. Uyu muturage agaragaza impunge anavuga yuko bitumvikana uburyo izi nyeshamba zanyaze izi nka kandi ingabo za leta zakagombye kurinda umutekano w’abaturage zitafashe iyambere mu kuja kugarura izo nka.

Nkuko yakomeje abivuga, uyu muturage yabwiye Mulenge Press Channel (MPC) ko ingabo za Twirwaneho zashatse kuja kugaruza izo nka ariko nyuma zikaza kuraswa n’ingabo za leta (FARDC) nyuma yaho inyeshamba za Mai Mai zari zimaze kwinjira ishamba ry’i Kisanya kandi ko izi nyeshamba zashoreye izi nka nta numwe mu ngabo za leta washoboye kuzitanga.

Tubibutse yuko ibi byose byabaye mugihe bivugwa yuko mu Biziba, Minembwe habarizwa ibirindiro by’ingabo za leta bibiri. Abungeri bari basanzwe baragiye izi nka zanyazwe bakaba bavuga yuko batewe impungenge no kubona ingabo za leta ntaco zihaye zikora muyi aka gace ka Minembwe cane cane ko zikomeje kubwira abaturage yuko bazanwe no kubarindira umutekano.

Tubamenyesha yuko ingabo za FARDC zikomeje gutungwa agatoki kuba zikomeje kwangiriza umutekano w’abaturage mukarere kandi ko zishobora kuba inyuma y’ibitero bikomeje kubera mu Minembwe. Nubwo izi ngabo za leta zikomeje kuregwa ibi byose, zihakana zivuye inyuma ibirego bitangwa n’abaturage bo mukarere ka Minembwe zikavuga ko ahubwo zirinda kugira uruhande zihengamiraho.

Kuva izi ntambara zitangiye mu karere ka Minembwe, bivugwa yuko abantu barenga 300 bamaze kuhasiga ubuzima, inka zirenga 40,000 zimaze kunyagwa n’inyeshamba za Mai Mai. Muri izi ntambara kandi bivugwa yuko imihana irenga 200 imaze gutwikwa n’izi nyeshamba za Mai Mai zifashijwe n’inyeshamba zikomoka mubihugu bihanye imbibe na Republika Iharanira Demokrasi ya Congo. Nyuma y’aho aka karere gahuye n’iki kibazo amwe mu mashirahamwe mpuzamahanga akomeje kugenzura ibibi bikorerwa abaturage.

 

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here