Gentil Misigaro avuga ko ishaka ariryo ryatumye yubakira abanafunzi ishuli mu Bibogobogo

2
124

VANCOUVER, CANADA:- Gentil Misigaro n’umwe mu bahanzi bamaze kwubaka izina mu bihangano byo kuramya no  guhimbaza imana hirya no hino kw’isi, akaba kur’ubu yaratangiye urugenzi rwo kuzenguruka isi avuga ubutumwa bwiza abicije muri alubumu yise Biratungana, urugendo yatangiriye muri USA akaba ateganya kurusozereza muri Australia.

Gentil Misigaro, imvukire ya DR Congo, akaba aherereye mu gihugu ca Canada aho akorerayo akazi ke ka buri munsi k’umuziki nko;  Gutoza iby’amajwi, gutunganya no kuyobora ibihangano (Producing and Directing), kuvuza ibicurangisho bya muzika bitandukanye, ndetse n’ibindi.

Kubera ubumenyi bwe ndetse n’ubuhanga muri muzika akaba amaze kwegukana ibikombe bitandukanye, birimwo; igihabwa umwe m’urubyiruko ruri hagati y’imyaka 18-20 rwitwaye neza mw’ivile ya Winnipeg mu gihugu ca Canada mu mwaka wa 2010, umwimukira mwiza (top Canadian Immigrant) mu mwaka wa 2014, ndeste n’ico aherutse gutwara mur’uyu mwaka wa 2019 co kuba umuhanzi wahagarariye akarere k’ibiyaga bigari neza mu mahanga, akaba ari igihembo yakuye mu gihugu ca Kenya.

Gentil Misigaro amaze kwigarurira imitima ya benshi, cane cane mu baherereye m’uturere tuvuga ururimi rw’Ikinyamulenge, Ikirundi, ndetse n’ Ikinyarwanda. Sibo bonyine, kubera ko amaze kugira abakunzi benshi no muyandi ma kominote (Communities) bitewe n’iwji azwiho riryohera ugutwi. Zimwe mu ndirimbo ziwe za hitikanye cane ni nka; Hari imbaraga, Iyo mbimenya, Zamura, n’izindi nyinshi bikozwe mu njana ya kinyafurika.

Umuziki umaze kugeza Gentil Misigaro kuri byinshi harimwo no gushigikira uburezi mu Gihigu ca Congo, aganira n’itangazamakuru rya imurenge.com, yadutangarije ko ishaka ryatumye yubakira abanafunzi mu karere ka Bibogobogo, muri Zone ya Fizi. Ishuli kur’ubu rikaba ryigiramwo abanafunzi bashika kuri 25o nubgo ritaruzura.

Ishuli Gentil Misigaro arimwo kubaka mu Bibogobogo afatikanije na Legacy Fam

Ibikorwa byo kwubaka bakaba barabitangiye mu mwaka w’ 2017, abifashijwemwo n’abavandimwe be muri minisiteri bise Legacy Family. Uyu mushinga ukaba uzobatwara amafaranga akabakaba USD 30’000, kugirango buzuze ibihumba by’amashuli bitandatu (6), aya akaba ari amasomo y’ibanze.

Tegera ikiganiro c’amashusho, Gentil Misigaroyagiranye na Mulenge Press channel (MPC), umuryango ikinyamakuru candika ca imurenge.com kibarizwamwo.

Gentil Misigaro asoza arasaba abantu ko bakoresha  impano imana yabahaye kugirango bafashe abandi, ndetse n’umuntu wese wifuza gufasha igihugu ciwe ariko akaba atazi aho yotangirira aramusaba kuba yomwandikira akoresheje imbuga nkoranya mbaga ziwe akoresha maze akamufasha.

Kanda hano hasi maze utugere indirimbo yasohoye yibutsa abo basangiye igihugu ibyiza by’imuhira.

 

 

 

 

 

 

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here