Perezida wa Niger yamaze kugera i kinshasa…

0
163

KINSHASA, RD CONGO: Umukuru w’igihugu ca Niger nyakubahwa Mamadou Issoufou yageze i Kinshasa umugwa mukuru wa Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo, ku mugoroba wanakane ku minsi 5/9/2019.

Ku kibuga mpuzamahanga ca Ndjili, perezida Issoufou yakiriwe n’umuyobozi winteko ishinga amategeko ya Congo Madamu Jeanine Mabunda, biteganyijweko kuri uno munsi azaguhura na mugenziwe wa Congo nyakubahwa Félix Tshisekedi , ibiganiro hagati yabo bikaza kubera mu ngoro y’umukuru w’igihugu izwi kwizina rya ” palais de la Nation”.

Amakuru dukesha peresidance y’igihugu avugako umuhango wokubonana kwaba bakuru b’ibihugu byombi uza kunyura ku bitangazamakuru by’igihugu, RTNC ,radio na televizio. Nubwambere perezida Issoufou asuye igihugu ca RDC.

Tubibutseko ku minsi  7,8 zukwezi kwa 7 Perezida Félix Tshisekedi yitabiriye inama ya 33 y’abakuru b’ibihugu byafurika 33e (Sommet de l’Union africaine) yabereye muri Niger.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here