Hemejwe umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu ca Congo: Ukwa 12, 2018…

0
105
Corneille Nangaa, umuyobozi w’akanama gashinzwe amatora y’umukuru w’igihugu.

KINSHASA, CONGO – Mugicuku ca none niyinga ku minsi 5/11/2017 nibwo umukuru w’akana gashinzwe amatora muri Congo yatangaje ku mugaragaro ko amatora y’umukuru w’igihugu ca Congo azaba mukwezi kwa 12 umwaka utaha wa 2018.

Imbere y’imbaga y’abanditsi n’abanyamakuru, Corneille Nangaa, umukuru w’akanama gashinzwe amatora y’umukuru w’igihugu yavuze ko kera abantu barenga miliyoni 43 (43 million voters) aribo bamaze kwiyandikira kuzatora umukuru w’igihugu.

Abajijwe impamvu aya matora yakomeje kwigizwa hirya, yavuze yuko zari impamvu zo gutinya umutekano muke mu gihugu. Yasobanuye avuga ati:

Kubera impamvu z’umutekano muke mugihugu, ntabwo twari gukomeza kureka aya matora atambuka, dore ko igihugu cari cugarijwe n’inzara ninshi ndetse n’indwara mukarere. Abana benshi n’abatishoboye barapfuye bitewe n’ubushobozi buke. Ese ubona twari gukora matora kandi twugarijwe n’iki kibazo? – Corneille Nangaa –

Tubibutse ko aya matora nubwo, ubishinzwe, Corneille Nangaa atari yagira ico avuga, byari bimaze kwemezwa ko yari kuzaba ku minsi 19/4/2019. Mbese imyaka ibiri yose, ariko uyu muyobozi, Corneille Nangaa, yemeye kuyigiza hino kubw’inyungu z’igihugu cose.

Corneille Nangaa, umuyobozi w’akanama gashinzwe amatora y’umukuru w’igihugu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here