Ibibazo biri muri Congo byafashe intera ku rwego rwa Syria, Iraq na Yémen…….

0
231

EAST, RDCONGO –  Ibihe bibi  igihugu ca Congo kirimo bigeze ku kigero kimwe nibya Irak, Syria na Yemen ndetse birashobora kwiyongera kurushaho.

Ihohoterwa, ibibazo bishingiye ku moko, politike mbi, byatumye Repubulika iharanira demokarasi ya Congo igera ku rwego rumwe n’ibihugu nka Irak, Syria na Yémen.

Icorezo ca choléra kiraca ibintu muri Congo, abantu barenga miliyoni 4 bakuwe mu byabo kubera intambara, kimwe ca kane c’aba bantu bakaba bakomoka mu ntara ya Kasaï yakozweho n’intambara .

Ishirahamwe ry’umuryango wabibumbye ryitwa ku mpunzi, HCR, ritangazako igihugu ca Congo kiri mu bihe bibi ndetseko mu minsi irimbere bishobora kwiyongera.

HCR ivugako icorezo ca Cholera gikomeje kwiyongera cane mu mateka ya Congo, intara za Tanganyika, sud-kivu na Nord-kivu biri mu zakozweho cane n’ibibazo bitandukanye biterwa cane n’imitwe y’inyeshamba yitwaje ibirwanisho.

Mu mpera z’ukwezi kwa 10, umuryango Médecins Sans Frontières, watangajeko  umaze kubarura abantu bagaragayeho icorezo ca cholera bagera kuri 18 000 muruyu mwaka.Kugeza ubu umubare urerekanako abagera kuri 21000, umuvugizi wuyu muryango avugako imibare yerekanako uyu mubare ushobora kugera kuri 40 000 mu minsi iza mu gihe nta ngamba zifashwe.

Médecins Sans Frontières ivugako nubwo icorezo ca Cholera gikomeje kwiyongera ariko hakiri ikibazo c’abaganga babasha guhangana naco, nk’uko umuyobozi wa MSF muri Congo bwana Francisco Otero abivuga ngo hari aho basanze henshi abarwayi ba cholera bagenda bavangwa nabandi barwayi.

Abantu bagere kuri 620 000 nibo bahunze igihugu berekeza mu bihugu bitandukanye bya Afrika mu gihe iki gihugu kandi cakira naco izindi mpunzi nyinshi zituruka mu bihugu nka Centrafrika, Uburundi na Sudani yamajepfo.

Nk’uko ikinyamakuru The Guardian kibitangaza, HCR ivugako abantu bagera kuri 520 000, basabye ubuhungiro mu gihugu ca Congo guhera mu mwaka w’2016.

Igihugu ca Congo kikaba gikomeje kuja mu bihe bigoye cane, impfu za buri munsi, abantu guta ibyabo, ibi byose bikaba bituruka ku kunanirwa kwa leta ya Congo guhasha imitwe yitwaje ibirwanisho iteza umutekano mukeya mu gihugu.

Leta ya Kabila yananiwe gutegura amatora kugeza ubu, iyoboye igihugu mu gihe manda yayo yarangiye, amahanga hamwe n’abatavuga rumwe na leta bakaba bashinja Kabila kuba nyirabayazana w’ibibazo bikomeje kuba mu gihugu.

 

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here