BRUXELLES, UBUBIRIGI – Ubgo hari hitezweko ibihano byari byafatiwe bamwe mu bategetsi ba Republika Iharanira Demokrasi ya Congo bikurwaho, n’akazirimwe ku minsi 10/12/2018 umuryango w’ubumwe bg’Uburayi, (Union Européenne) ntiwatewe ubgoba n’icemezo ca leta ya Kinshasa co kuba yofatira uyu muryango ibyemezo mugihe woba udakuyeho ibi bihano. Nyuma yo gutangaza ibyavuye munama yafashe iki cemezo uyu muryango wemezako udashobora gukuraho ibi bihano kugeza ku munsi w’eco tariki 12/12/2018 aho iyi nama izasubira kwiga kuri iki kibazo.
Mukwezi kwa 5, umwaka w’i 2017 akanama k’uyu muryango kari nibwo kafatiye ibihano abategetsi icenda ba Congo barimwo Emmanuel Ramazani, umukandida wiyamamariza k’umwanya w’umukuru w’igihugu na General de Brigade Eric Ruhorimbere. Nyuma yo gufatira ibihano aba bayobozia, uyu muryango wane gutangaza andi mazina y’abantu 6 nabo bari basanzwe barafatiwe ibihano n’aka kanama mu kwezi 12, umwaka 2016.

Aba bose bafatiwe ibihano baregwa kubangamira uburenzira bwa kiremwa muntu no kuburizamwo umugambi w’amatora. Ibi bihano bafatiwe birimwo kutemerwa gukandagira k’ubutaka bw’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bg’uburayi ndetse no gufatira ubutunzi bgabo buri muri uyu muryango.
Mu minsi ishize, ubuyobozi boa leta ya Congo kuva i Kinshasa bwari bwamenyeshejeko mugihe ibi bihano byoramuka bidakuweho leta nayo izafatira uyu muryango ibyemezo ndakuka. A twavuga mugihe Emmanuel Razamani Shadary, watanzwe n’ubutegetsi bga Joseph Kabila ku mwanya w’umukuru w’igihugu mu matora azaba ku minsi 23 ukwezi kw’icumi na kabiri ari mubafatiwe ibihano azaba yatambutse kuri uyu manya yiyamariza mo.
Inkuru dukesha Jeune Afrique ivugako umubirigi Thierry Bontinck uburanira (avocat) yabgiye iki kinyamakuru ko Emmanuel Shadary n’abagenzi be 14 basaba aka kanama kubakuriraho ibi bihano ariko umwaka urenga batarabaha umwanya wo kwisonura kubyo baregwa.
Tubibutse kandi ko muri aba bafatiwe ibi bihano barimo Emmanuel Ramadhani Shadary ni umwe muba kandida bahabga amahirwe yo kuba batsinda aya matora, maze akaba umukuru w’igihu.