KINSHASA, CONGO – Mu igihe habura ukwezi kumwe ngo abakongomani bitorere undi muyobozi, Felix Thsisekedi umukuru w’icama ca UDPS na Vital Kamerhe umukuru wa UNC bageze ikinshasa kuri kano Kabiri maze bakirwa n’ibihumbi by’abarwanashyaka.

Ubgo hatangizwaga k’umugaragaro ibikorwa byo kwiyamamaza ku iminsi 22/11/2018, Felix Tshisekedi uyuboye icama gishaje kuruta ibindi byose muri Congo (imyaka 38) na Kamerhe Vital wihariye amajwi muri Province ya Sud Kivu bahuriye iNairobi ku minsi 23/11/2018 bemezako Vital K. n’icama ciwe bazatora Felix Tshisekedi, maze mu igihe yoba atambutse Union pour la Nation Congolaise (UNC) ya Vital Kamerhe ikazahabga umwanya wa Ministre w’intebe, kuyobora Senat, banki nkuru y’igihugu, Minisitere y’ubucamanza, ibikorwa remezo (infranstructures) na ministeri y’ingabo (defense); ikindi ni uko nyuma ya manda y’imyaka 5 Felix atakongera kwitoza maze nawe n’icama ce bagatora Vital Kamere.
Mbere yaho gato ku iminsi 11/11/2018, abayoboye ibyama 7 bitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Joseph Kabila (Moise Katumbi, Jean Pierre Bemba, Vital Kamerhe, Felix Thisekedi, Martin Fayulu, Pierre Lumbi na M. Matungulu ) bari bahuriye I Geneve muri Suisse kugira ngo bemeze umu kandida umwe uzahagarira abatavuga rumwe na leta bose, maze hatorwa Martin Fayulu. nyuma y’amasaha atarenze 48 Felix Tshisekedi na Vital Kamere baje gutangazako bisubiyeho nyuma yuko abayoboke babo bavuze yuko badashigikiye ayo masezerano.
Vital Kemerhe na Felix Thsisekedi bari muri bane baza kumwanya wa mbere mu mubiyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu mumatora azaba ku iminsi 23/12/2018.
Muri 21 biyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu ubu hasigaye 20, ariko abahabwa amahirwe yo kuzatsinda ni Antoine Felix Tshisekedi ushigikiwe na UNC, Martin Fayulu Madidi ushigikiwe naba J.P Bemba na Moise Katumbi hanyuma Emmanuel Ramazani Shadari umukandida watanzwe na Perezida Joseph Kabila itegekoshinga ritemereye gusubira kwitoza nyuma y’imyaka 17 amaze ategetse.