Ibihumbi n’ibihumbi baje kwakira Felix TSHISEKEDI na Vital KAMERHE

0
171

KINSHASA, CONGO – Mu igihe habura ukwezi kumwe ngo abakongomani bitorere undi muyobozi, Felix Thsisekedi umukuru w’icama ca UDPS na Vital Kamerhe umukuru wa UNC bageze ikinshasa kuri kano Kabiri maze bakirwa n’ibihumbi  by’abarwanashyaka.

Uko byari bimeze mu mabarabara y’Ikinshasa, Ifoto/Internet

Ubgo hatangizwaga k’umugaragaro  ibikorwa byo kwiyamamaza ku iminsi 22/11/2018, Felix Tshisekedi  uyuboye icama gishaje kuruta ibindi byose muri Congo (imyaka 38) na Kamerhe Vital  wihariye amajwi muri Province ya Sud Kivu bahuriye iNairobi ku minsi 23/11/2018 bemezako  Vital K.  n’icama ciwe bazatora  Felix  Tshisekedi, maze mu igihe yoba atambutse Union pour la Nation  Congolaise (UNC)  ya Vital Kamerhe ikazahabga umwanya wa Ministre w’intebe, kuyobora Senat, banki nkuru  y’igihugu, Minisitere y’ubucamanza, ibikorwa remezo (infranstructures)  na ministeri y’ingabo (defense); ikindi ni uko nyuma ya manda y’imyaka 5 Felix atakongera kwitoza maze nawe n’icama ce bagatora Vital Kamere.

Mbere yaho gato ku iminsi 11/11/2018, abayoboye ibyama 7 bitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Joseph Kabila (Moise Katumbi, Jean Pierre Bemba, Vital Kamerhe, Felix Thisekedi, Martin Fayulu, Pierre Lumbi na M. Matungulu ) bari bahuriye I Geneve muri Suisse kugira ngo bemeze umu kandida umwe uzahagarira abatavuga rumwe na leta  bose, maze hatorwa Martin Fayulu.  nyuma y’amasaha atarenze 48 Felix Tshisekedi na Vital Kamere baje gutangazako bisubiyeho nyuma yuko abayoboke babo bavuze yuko badashigikiye ayo masezerano.

Vital Kemerhe  na  Felix Thsisekedi bari muri bane baza kumwanya wa mbere mu mubiyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu mumatora azaba ku iminsi  23/12/2018.

Muri 21 biyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu ubu hasigaye 20, ariko abahabwa amahirwe yo kuzatsinda  ni  Antoine Felix Tshisekedi ushigikiwe na UNC, Martin  Fayulu Madidi ushigikiwe naba J.P Bemba na Moise Katumbi hanyuma Emmanuel Ramazani Shadari umukandida watanzwe na Perezida Joseph Kabila itegekoshinga ritemereye gusubira kwitoza nyuma y’imyaka 17 amaze ategetse.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here