Madegu yatangiye kwakira ibikorwa byo kwiyamamaza

0
149

MINEMBWE, FIZI – Kuva ingenga bihe yashirwaho na komisiyo ishinzwe amatora muri DR Congo,CENI, Minemmbwe yatangiye kwakira ibikorwa byo kwiyamamaza nubgo atari k’ubginshi.

Gasake Jean De Dieu, intumwa y’abakandida babarizwa mu mpuzamamashaka yiswe FCC, yashitse mu Minembwe kuva kur’iri Posho ryashize mu bikorwa byo kwamamaza Osee Bukuru na Rukeba Chirack mur’aka karere.

Gasake J de Dieu, mu bikorwa byo kwamamaza abakandida Rukeba Chirac na Bukuru Osee, ku mwanya w’intumwa za Rubanda

Nyuma y’igikombe citiriwe,Tora Bukuru Osee na Rukeba Chirac, maze gihuza amakipe akina umupira w’amaguru, Marango FC na Kivumu, iyi ntumwa yaboneyeho umwanya wo kuganirira imbaga yaraho ibyiza byo gushigikira RCD nk’ishaka  Bukuru Osee na Rukeba Chirac babarizwamwo.

Ibikorwa byo kwamamaza Bukuru Osee na Rukeba Chirac mu Minembwe

Yagize ati” RCD n’icama gifite ubunararibonye m’ubuyobozi”. Ibi yabivuze ashimangira cane ku minshinga iki cama cari gifite mu masezerano ya Sun City ko igihugu cayigendeyeho mu gihe c’imyaka itanu, bityo agasaba abantu ko babashigikira ubgo iminsi 23/12/2018 izoba igeze.

Rukeba Chirac ariyamamariza kuba intumwa ya rubanda k’urwego rw’igihugu naho mugenzi we Bukuru Osee akaba ahatanira kuba intumwa ya Rubanda k’urwego rw’intara.

Tubibutse ko Icama ca RCD naco kibarizwa mu mpuzamashaka yiswe FCC, impuzamashaka iyobowe n’icama kiri k’ubutegetsi. Biteganyijwe ko Senateri Moise Nyarugabo n’abakandida bicama ca RCD, bazigerera mu karere ka Fizi mu bikorwa byo kwiyamaza kur’indi Posho ryo ku munsi 08/12/2018.

Ishaka rya RCD n’ubgo rivuga ko hari byinshi rya rwaniye bikagerwaho, abatavuga rumwe naryo bo bayinenga cane gukorana bya bugufi na leta y’urwanda, igihugu gishinjwa gushigikira imitwe ihungabanya umutekano wa DR Congo nubgo leta y’urwanda ibihikana yivuye inyuma.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here