KINSHASA, RDCONGO – Ikipe ya Congo y’akabumbu k’amaguru, abasore batarengeje imyaka 23, yasezereye abaturanyi babo b’Urwanda mu marushanwa yo gushaka itike yo gukina imikino ya nyuma y’igikombe ca Africa 2019 kizabera mu Misiri (CAN -EGYPT).
Uyu mukino wa kabiri wo kwishura wabaye ku munsi w’ejo n’akabiri, ku munsi 20/11/2018 kuri stade des Martyrs de Kinshasa, umurwa mukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo. Uyu mukino wahuje ikipe ya Léopards na Amavubi aho Léopards yabashije kunyagira itababariye ikipe y’Amavubi ibitego 5-0.
Tubibutse ko kubashaka kureba uyu mukino kwinjira byari ku buntu. Aho abari bitabiriye kureba uyu mukino bavuga ko wari ubereye amaso yabo. Abakinyi ba Congo babashije gutsinda uyu mukino ni:
Mbuangi Nzau: ku munota wa 6 gusa yari yamaze gufungura amazamu y’Urwanda, Peter Mutumosi nawe yaje kunga murya mugenziwe ashiramo ikindi gitego ca kabiri ku munota wa 61. Jackson Muleka witwaye neza iwe yabashije kugera mu mazamu y’urwanda inshuro zibiri, doreko yarajije ibitego bye byombi ku munota wa 32 na 67, agashinguracumu kaje kwinjizwa na Nelson Balongo ku munota wa 82.
Tubibutseko kandi ko umukino wa mbere wabahuje ubushize wabereye i Kigali, mu Rwanda; aha hari mu minsi yavuba yatambutse kandi nta yatsinze indi muri iyo minsi.
Ikipe ya Congo nyuma yo kunyagira Amavubi y’Urwanda, izakira i kinshasa Maroc ku minsi 20/03/2019. Undi mukino wa kabiri ukazabera i Cassablanca, mugihugu ca Maroc; azaba ari nyuma y’iminsi ine nyuma yo kurangiza uwo mukino, ku minsi 27/03/2019.