Imvura ninshi yabujije indege kwitura ku Kiziba mu Minembwe isubirayo idatwaye abagenzi…

0
11

MINEMBWE, CONGO – Mugihe abagenzi batari bake bari bategereje indege ibatwara i Bukavu ndetse na Goma, imvura ninshi y’umuhindo yabujije iyi ndege kwitura kukibuga baba baburiye mo.

Iyi ndege yarije gutwara bwa mbere abagenzi bari bayitegereje kukibuga ca Kiziba mu Minembwe yasubiriyeyo mukirere ubwo yarigeze mukirere, ariko kubera ikibazo cy’invura ninshi yaguye maze ikirere kirahinduka bituma iyi ndege isubirayo idatwaye aba bagenzi.

Bamwe mu bagenderaga muri iyi ndege bava mu Minembwe baja Goma, mu Rwanda ndetse na Bukavu batubwiye ko bishimiye cane iyi gahunda y’iyi ndege igiye kuzoza ijana abantu kuva mu Minembwe aho igiye kuzaja igera Goma na Bukavu. Aba baturage banejejwe cane n’uyu mwanzuro wafashwe n’iyi kompanyi y’iyi ndege kuko ngo ubwabo bari bibasiwe cane n’abagizi ba nabi bahoraga babatega mu mayira ndetse bakabanyaga utwabo; reka ndetse hari n’abahasigaga ubuzima.

Tubibutse ko iyindege igiye kuzoza itwara aba bagenzi inchuro zibiri mu kwezi, nubwo bitara menyekana neza iminsi iyi ndege igiye kuzaja ikora izi ngenzi.

Ubwo twaganiraga na bamwe mu bari bategereje iyi ndege ku Kiziba mu Minembwe, batubwiye ko iyi ari intambwe nziza kandi ishimishije kuko ngo bubaye ubwa mbere iyi kompanyi ige iki cifuzo mu baturage.

Reba Amafoto:

Indege igiye kuzoza itwara abagenzi…

 

Abagore, abagabo ndetse n’inkumi bari bategereje indege…

 

Imvura igitangira kunyagira abagenzi…

 

Ikirere cahemukiye aba bagenzi…

 

Abagenzi bari bategereje indege…

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here