Indi mirwano ikaze yongeye kuvuka mu karere ka Lulunge, inka 50 zongeye kunyagwa…

1
87

LULENGE, SUD-KIVU – N’ Iyinga, ku minsi 13/10/2019 haravugwa indi imirwano ikomeye yongeye kuvuka mu karere ka Minembwe, muri secteur ya Lulenge. Iyi mirwano bikaba bivugwa yuko yatangiye mu masaha y’ igitondo; binavugwa yuko yatangiriye ahitwa Nyagishasha, hafi y’isoko y’Akane, iyi n’ isoko iherereye Kumonyi.

Iyi ntabara ikaba yabaye hagati y’ingabo za leta (FARDC) hamwe n’inyeshamba za mai mai zigize iminsi zitera abaturage mu mihana itandukanye mu karere k’imisozi mire mire cane cane imihana yegereye mu Minembwe. Gusa ubwo izi nyeshamba zagabye igitero kubaturage zabanjije kwirukana ingabo za leta, akaba ari ibirindiro bito cane by’igisoda ca FARDC byari biraho.

Amakuri dukesha umunyamakuru wacu uri mu Minembwe nuko nyuma yaho gato izi ngabo za leta zaje guhabwa umusada n’ababo bari muyindi mihana ihegereye ari nabwo izi nyeshamba za mai mai zaje gusubizwa inyuma.

Nubwo izi nyeshamba zaje kwirukanwa zigasubizwa inyuma, biravugwa yuko abaturage batewe impungenge ninshi kuko bavuga yuko izi nyeshamba zishobora kubatera umwanya wose. Biravugwa yuko izi nyeshamba zifuza gufata ikibuga c’indege ca Madegu, mu Minembwe, ariko bisa nkaho bidashoboka kuko ngo bamaze kugerageza kenshi ariko bitigeze biborohera.

Tubibutse yuko indi mirwano yongeye kuba ku mugoroba w’ejo hashize, n’Iposho ku minsi 12/10/2019 mu marango yo Kumonyi. Binavugwa yuko izindi nka zigera kuri 50 zanyazwe n’izi nyeshamba za Mai Mai zifashijwe n’inyeshamba zikomoka mu bihugu bihananye imipaka na Congo.

Biravugwa yuko ibyangiritse muri iyi mirwano yabaye uyu munsi w’Iyinga bitaramenyekana nkuko bamwe mu baturage bo Kumonyi babikesha Mulenge Press Channel. Urubuga http://www.imurenge.com twashatse gukorana ikiganiro n’ubuyobozi bwa gisikare (FARDC) ariko ntibyashotse kumpanvu z’akazi kabo, ariko turagerageza kubagezaho andi makuru kuburyo bw’amashusho.

 

1 COMMENT

  1. Twihanga’ishije communauté yacu yabanyamurenge kubibazo baimo byakarengane gusa ntamvura idahita,mukomere musenge Imana nyiri bihe izaturasiriza izuba umunsi umwe

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here