Ingabo nyinshi zamaze gukwirakwizwa mu ntara ya kivu y’amajaruguru mu rwego rwo guhangana n’imitwe yinyeshamba

0
11
Ikibuga c’indege ca Beni

GOMA, CONGO –  Guverineri w’intara y’amajaruguru Julien Paluku amaze gutangaza kuri uyu mugorobako mu ntara ayoboye hamaze gukwirakwizwa ingabo nyinshi mu rwego rwo guhangana nimitwe yinyeshamba  ibarizwa mu duce nka Beni na Rutsuru.

Julien Paluku yatunze agatoki cane umutwe wa ADF urwanya leta ya Uganda kuba ariwo nyirabayazana wumutekano mukeya ubarizwa muri kariya karere.

Ibi guverineri Paluku yabivuze kuri aka gatanu ku minsi 3/11/2017 i Goma mu nama yumutekano yahuje ubuyobozi bw’iyi ntara ndetse n’inzego zitandukanye zishinzwe umutekano .

Dufite ikibazo rusange cumutekano mukeya, ariko cane imitwe yinyeshamba iri muri Bwito na Binza ndetse na ADF muri Beni….turashima cane akazi k’ingabo zacu ubu ingabo zamaze kugera muri Rutsuru na Beni kugirango batere bagenzi babo ingabo mu bitugu ,ubundi izi nyeshamba zibagirane burundu. – JULIEN PALUKU –

Intara ya kivu y’amajaruguru yakunze kwibasirwa cane nimitwe yinyeshamba ziva mu gihugu ndetse niziva hanze yaco.

Iyinga rishize nibwo umutwe wa ADF wagabye ibitero ku baturage ahitwa Boikene mu karere ka Rwenzori muri Beni hagati.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here