Ingabo za FARDC ko zirazanwa mu Minembwe k’ubginshi

0
162

MINEMBWE, FIZI:- Abasoda benshi cane ba FARDC bamaze gushika mu Minembwe, bakaba barimo bazanwa n’indege za Monusco.

Mu gitondo c’uyu munsi wa none nibgo uraja n’uruza rw’indege rwazindukiye mu karere k’imisozi miremire ya Fizi. Amakuru dukesha umunyamakuru wa imurenge.com nuko habanje kuza indenge za gisoda zibanza kuzenguruka ikirere c’aho intambara yabereye ejo bashakisha aho umwanzi yaba aherereye kugeza ubu.

Nyuma yaho haje gushika izindi ndenge zigera k’umunani (8) zizanye abasoda ndetse n’ibikoresho ndetse kur’ubu bakaba berekeje kw’Irumba mu cerekezo c’umwanzi.

Abasoda ba FARDC bashitse mu Minembwe

Ibi bibaye mu gihe hategerejwe itsinda rivuye mu buyobozi bukuru bg’intara ya Sud Kivu ku gicamunsi c’uyu munsi mu Minembwe. Intego nyamukuru akaba ari ukwigira hamwe ikibazo c’umutekano nyuma y’inyambara zimaze iminsi irenga iyinga zaratangiriye Irurenge zerekeza mu Minembwe.

Turakomeza tubakurikiranire amakuru uko birimo bigenda.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here