Inka 45 zanyazwe n’inyeshamba za Mai Mai, umwungeri umwe yahasize ubuzima.

0
62

MUTARULE, SOUTH-KIVU – Nakabiri, ku minsi 17/12/2019 haravugwa amakuru y’umwungeri umwe waguye mu gitero c’inyeshamba za mai mai zifashijwe n’inyeshamba za Red Tabara.

Muri iki gitero bikaba kandi bivugwa yuko inka zishika kuri 45 nazo zanyazwe n’izi nyeshamba zifashijwe n’umutwe wa Red Tabara ukomoka mu gihugu c’u Burundi. Iki gitero kikaba cabereye ahatandukanye; mu biraro bibiri by’inka muri lokalite ya Kigwena 2 ku Mutarule.

Simbi Mathias, umwe mu bungeri bacitse kw’icumu akaba avuga yuko babangamiwe n’ibibi bikorwa by’izi nyeshamba za Mai Mai zikpmeje gukorera muri aka karere ka Mutarule.

Tubamenyeshe yuko iki gitero cabereye ku birometeri bike ahegereye ikambi y’ingabo za leta. Ibi ngo bikaba bikomeje gutera impungenge abaturage ba Mutarule; bakaba bavuga yuko bisa ari nkaho ntaco bimaze kuba izi ngabo ziri muri aka karere kuko ngo ari ntaco zikora mu kurinda umutekeno w’abaturage.

Tubibutse kandi yuko hari haciye iminsi mike gusa ubwo bivugwa yuko mw’iyonga rishize, ku minsi 12/12/2019 izindi inka zirenga 96 zongeye kunyagwa n’izi nyeshamba za Mai Mai muri kano karere ka Mutarule. Abaturage bakaba bakomeje gutaka basaba ingabo za leta kugira ico zikoze kugira ngo iyi mitwe y’izi inyeshamba ikurwe ho burundu cangwe yirukanwe mukarere.

Biremezwa n’abaturage yuko zimwe muri izi inka zanyazwe, zimwe zerekeje mugihugu c’u Burundi; izindi nka zikaba zazamutse imisozi ya Kahanda ndetse izindi zikerekeza mu kibaya ca Ruzizi.

Tukimara kumva aya makuru urubuga http://www.imurenge.com twashatse kwegera bamwe mu ngabo za leta zikorera mu kigwena ariko kubw’amahirwe make ntitwabashije kubatora ku murongo wa telephone.

Nyuma y’ibi bitero by’izi nyeshamba ku bungeri b’inka. Abaturage ndetse n’abungeri batuye muri aka karere bakaba bahamagaje inama yo kwiga uburyo bishakira ubutabazi munzego nkuru za leta cangwe gusaba uburenganzira bwo kwirindira umutekano wabo bonyine mugihe ingabo za leta zidashaka gukemura iki kibazo.

Iyo nama ikaba yabaye none Nakabiri, ku minsi 17/12/2019 aha ni nyuma yaho ibi bitero byombi byahotanye umwungeri umwe ndetse n’izi nka zikanyagwa n’izi nyeshamba.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here