MIBUNDA, SUD-KIVU – Nkuko tubikesha n’abaturage bo mu Mibunda, biravugwa yuko ku munsi w’ejo n’agatanu ku minsi 21/09/2018 inka zigera kuri 50 zari m’urwuri ubwo abantu bitwaje imbunda bagerageje kuziba.
Kubw’umukuru wa poste ya Itombwe, Rwesa Osée, avugako yuko izi nka 50 zari m’urwuri kumisozi y’i Nazareti, ahagana i Mirango. Nyuma yaho haje amabandi yitwaje imbunda ahita ashorera izo nka. Nyuma yo gushorera izi nka, Abanyamurenge ndetse n’Ababembe batuye hafi yaho izo nka zibiwe bahise bazikurikira ari nabwo baje gusanga aba bari bajanye izi nka ari inyeshamba za Mai Mai.
Nyuma yo kubona ko bakurikiwe n’aba baturage, izi nyeshamba zahise zigarura izi nka kuri banyirazo. Banyiri izi nka baremeza ko aba bari banyaze izi nka ari inyeshamba za mai mai zavuye kumurongo kandi ko badashaka intambara.
Tubibutse yuko izi nka zari zibwe ari iz’umugabo bita Yona Runogera, akaba ari umuturage wo Muturambo.
Nyuma yo kugarurwa kw’izi nka biremezwa n’abaturage bo Mutumbo ko umutekano ubu ari wose kandi izi nyeshamba zahise zikomeza urugendo rwabo.