Ikibazo c’umutekano muke muri gurupema ya Bijombo gikomeje kuba ingorabahizi. Kur’aka kazimwe kashize inka zongeye gutemwa nanone.

Umwe mu baturage bavuganye na Imurenge.com yavuzeko habaye igiher c’isaha zitatu zijoro bumva ikiborogo cinka maze bihutira gutabara basanga inka zibiri arizo zatemwe. Harimo inka ya Ruhanga Manoa niya Ndahindurwa Sebineza bo mu Kajembwe,Kabamba.
Uwo muturage yakomeje yemeza ko izo nka zitapfuye ariko zababaye cane kuburyo ziryamye zitabasha guhaguruka.
Twageregaje aboba bihishe inyuma yayo marorerwa maze atubgira ko ari Mai Mai ziyobowe na Munyindukurwama zituye muri ako karere.