BIJOMBO, CONGO – None ku minsi 25/04/2018 amakuru atugezeho avuga yuko intambara yongeye kurangwa mu karere k’indondo. Imwe mu mihana yongeye kurangwa mo intambara ni umuhana wa Bijombo, Kagogo, Chanzomvu ndetse no mu Masango aho bivugwa yuko uyu muhana wa Masango amazu menshi yatwitswe n’inyeshamba za mai mai.

Nyuma yo kubura bamwe mu bakozi, umuyobozi w’ishirahamwe Hope Youth Work-Matumaini (HYW-MKV), Ciruza NTAKOBANJIRA Patrice yatubwiye ko abaturage benshi bakomeje gupfa kubwo kubura ubuvuzi. Patrice Ciruza we ngo arifuza ko abagira neza botabara mu kurengera ikiremwa muntu.
Nyuma yo kutubwira aya makuru, Patrice Ciruza yagize ati:
Abantu benshi bakomeje gupfa kubwo kubura imiti y’ubuvuzi, kandi tuzi aho iyo miti ishobora kuba iri. Ariko se leta ya Congo ko icecetse cane kandi aba bantu bapfa? Ese bo ntibibatera isoni kubona impanja n’ababyeyi bapfa kandi abandi barara mu bihuru? Twe nk’ishirahamwe riharanira amahoro twiyambaje amashirahamwe y’abagira neza nka OCHA, MONUSCO na ariko nanone ikibazo c’umutekano ntikirakemuka. – Patrice Ciruza –
Mu magambo ye Patrice Ciruza yakomeje gusaba inzego z’umutekano cane cane Police, n’ingabo z’igihugu kugira ico bakoze kugira ngo barengere ubuzima bwa kiremwa muntu.
Yongeye mu magambo ye ati:
Turibaza cane impamvu abana, abasaza, ababyeyi barara mu bihuru ndetse abandi badasiba kwicwa ariko leta yo itabitaho cangwe ngo ibashakire umutekano. Ese leta nitaturengera turaba abande ko leta ariyo duteze mo umutekano? – Patrice Ciruza –
Akimara kutubwira aya makuru, Patrice Ciruza yagize ati “Uyu mwanya tuvugana umuhana wo mu Masango ndetse n’indi ihegereye imaze gusha kandi abaturage bose bahungiye mu bihuru, ibi kandi bikaba bikomeje gudutera impungenge ko andi maraso agiye kumeneka mu gihugu.

Patrice Ciruza arasaba buri wese kwibuka aho akomoka kugira ngo aharanire amahoro kugira ngo amaraso ntiyongere kumeneka hose mu gihugu.
Tubibutse ko inka, ihene ndetse n’intama zimwe zaburiwe irengero kandi bikekwa ko zoba zariwe na bamwe mu barwanyi cangwese buri wese uri ku rugamba.
Ikindi caha gikomejwe kurangwa muri izi ntambara ngo ni akarengane ku bana b’abakobwa bakomeje gufatwa ku ngufu n’abitwaje imbunda. Ibi ngo akaba abona ko ari ibintu bigayitse kandi biteye isoni kuvuga ngo umwana wo karindiwe umutekano niwe uri guhohoterwa.
Nyuma yo kuganira na http://www.imurenge.com, Patrice Ciruza yavuze ko yifuza ko leta igira ico ikoze kugira ngo irengere ubuzima bwa kiremwa muntu.