Inyeshamba za Mai Mai zongeye kugaba ibitero mu mihana yo mu Minembwe, Madegu abaturage bikingiranye mu Mazu.

0
21

MINEMBWE, SUD KIVU:- Mu masaha y’umugoroba, ahagana isaha icumi (16h00′), inyeshamba za Mai Mai zagabye ibitero mu Mihana yo Minembwe; nka Kabingo na Kivumu. Ibi bikaba byabaye uyu munsi, Nakabiri,  ku minsi 26/05/2020.

Amakuru dufite nuko abo barwanyi bakekwa kuba  Mai Mai, bitanzwe n’insoresore za Twirwaneho zibasubiza inyuma, amakuru duhabwa n’umwe mu baturage utashatse ko izina rye rija ahagaragara. Kugeza ubu ntituramenya aboba basize ubuzima mur’iyo mirwano ndetse n’ibyahangirikiye.

Mu gihe c’isaha cumi na zibiri (18h00′), umuhana wa Madegu (Minembwe-Centre), wari usanzwe ucunzwe n’ingabo za leta, wumvikanyemo amasasu menshi cane. Bourgoumestre Gad Nzabinesha avugana n’urubuga http://www.imurenge.com akaba yavuze yuko abaturage bari mu mazu kandi ko nta numwe urimo gusohoka. Mu byukuri impamvu yayo masasu ntabwo iramenyekana, gusa ubwo twatunganyaga iyi nkuru amasasu yasaga na ayari amaze guceceka ho.

Imurenge.com ikaba yagerageje kuvugisha igisoda maze k’umurongo wa telephone umuvugizi wa Operasiyo Sokola II Sud ikorera mu ntara ya Sud Kivu, Kasereka Dieudonne’, maze atubwira ko ntaco igisoda gishobora gutangaza kur’ubu, baka bateganya kugira ico bavuga ku munsi w’ejo mu gitondo.

Ibi bitero bikaba bije nyuma y’iminsi igera kur’itatu, uhereye n’Iposho, abarwanyi igisoda ca FARDC gihanganye n’abarwanyi bavuga ko barwanira benewabo b’Abanyamulenge ba

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here