Ishaka rya AFDC rirasaba Abanyaminembwe kubana m’ubumwe n’amahoro(AUDIO).

0
219

MINEMBWE, SUD-KIVU – Intumwa ya Rubanda k’urwego rw’igihugu, bwana Sadiki Byumbuka, arasaba abaturage b’akarere k’imisozi mire mire kugira ubumwe n’urukundo. Ibi akaba yabitangaje mur’urugenzi yari afite mu Minembwe ubgo yari yaje kwiyamamaza mur’ako karere k’umwanya w’intumwa ya rubanda.

Sadiki Byumbuka imbere y’abarwanashaka ba AFDC, mu Minembwe…

Agishika ku kibuga c’indege co kukiziba kur’uyu w’iposho yakiriwe n’abarwanashaka ba AFDC, ishaka riyobowe na Bahati Rukwebo.

Abarwanashaka ba AFDC bashagaye abakandida babo

Akigera m’umuhana wa Madegu yakoranye ikiganiro n’abantu baribaje kumutega muri hôtel ya New jelusalem. Mur’ico kiganiro yashikirijwe bimwe mu bibazo bitandukanye abaturage ba Minembwe bafite; nko kuba nta mashini zo gutora ziragera mu Minembwe mu gihe habura iminsi igera kuri 40, kuba nta barabara riva mu Minembwe rigana mu Rusuku, umutekano muke kubera abantu benshi batunze intwaro mu buryo butemewe n’amategeko, no kuba urubyiruko nta tuzi rufite.

Uyu mu kandida yatangajwe no kuba nta mashini zirashika mur’aka karere gusa abizeza ko agiye kubimenyesha komisiyo ishinzwe amatora (CENI).

Tubibutseko nanone mur’uyu muhango, abarwanashaka ba AFDC, beretswe abakandida bazobahagararira bityo bakaba basabge gutora k’ubginshi.

Ushobora gutegera k’uburambuye ikiganiro, Sadiki Byumbuka yagiranye ma Imurenge News Agency (INA). Kanda hano hasi ugitegere.

KANDA HANO ubashe gutegera AUDIO

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here