KINSHASA, CONGO – Ku minsi 22/08/2018 bamwe mu bahoze ari inshuti magara za Laurent Desire Kabila, wahoze ari umukuru w’igihugu ca Congo barasaba Joseph Kabila kurekura ubutegetsi mu maguru masha. General Elie Kapend Kanyimbu, wahoze ari inshuti magara wa Laurent Kabila arasaba Perezida Joseph Kabila kuva ho hatagize andi maraso ameneka, ngo bitabaye ibyo ibikurikira ho azabyirengera.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru, afrique.tv5monde, mbere yuko Kanyimbu atangaza iri jambo mbere y’imbaga y’abantu, biremezwa yuko yari ashigikiwe n’insinzi y’abantu benshi ndetse harimo na bamwe mu ngabo za leta ya Congo badashigikiye ibikorwa bya Perezida Kabila. Benshi muri aba baje gushigikira Kanyimbu bavuga yuko ngo uyu mugabo yaje ari intwari ishaka kurengera no kwitangira igihugu ngo kuko abandi bose bagerageje kucitangira bananiwe.
Tubibutse ko umubare mwinshi w’abantu bari baje gushigikira Kanyimbu ari bamwe mu bahoze ari abasirikare ku ngoma ya Mobutu, wahoze ayoboye leta ya Zaire. Aba basirikare babarizwa mu ishimyi risha rya politike (Front de Libération Nationale du Congo).
Mu magambo ye imbere y’imbaga y’abantu yagize ati:
Nta matora azigera aba muri uyu mwaka, ahubwo Perezida Joseph Kabila we ni yegure mbere yuko iminsi 28/08/2018 igera, bitabaye ibyo ibizakurikiraho azabyirengera. – Elie Kanyimbu –
Tubibutse kandi ko General Kanyimbu yatangaje ku mugaragaro ko yaje adafite kwisubiraho ahubwo yatangaje yuko agiye gukuraho Perezida Kabila gushaka no kudashaka. General Kanyimbu yatangaje kandi ko agiye guhagarara ku izima kugira ngo arwanye politike ya Kabila avuga ko idahesha igihugu agaciro kandi ko idaha abanyagihugu amahoro n’ubwisanzure mubyo bakora byose.

Mu mwaka w’1997 nibwo Perezida Laurent Desire Kabila afatikanyije na General Kapend Kanyimbu aribwo bashinze umutwe wa Front de Libération Nationale du Congo (AFDL) ari nabyo cane cane General Kanyimbu ashingira ho avuga yuko we yakoranye na Laurent Kabila ariko umuhungu ashaka kuzana amananiza mu kurekura ubutegetsi.
Nkuko byemezwa na afrique.tv5monde, biravugwa yuko General Kanyimbu n’ingabo zimushigikiye bari ku birometeri mirongo itatu (30 kilometres), hafi y’umuji wa Kinshasa, umurwa mukuru wa Congo. General Kanyimbu biremezwa kandi yuko ashigikiwe n’abasirikare ibihumbi bitatu (3,000) kandi bose biteguye kurwanya leta ya Kabila kugeza avuye ku ngoma.