ITOMBWE, MWENGA:- Imirwano yongeye kwubura mu karere ka Mibunda, guhera isaha icenda z’umugoroba (15h00′), ku gicamunsi c’aka Kane. Biravugwa ko abarwanyi ba Mai Mai aribo bongeye gugaba ico gitero, bakaba bateye umuhana wa Rushasha.
Umuntu umwe niwe umaze kumenyekana ko yoba yahasize ubuzima mur’ico gitero. Chef Mutware, umuyobozi gakondo wo mu Nkango, yatangarije imurenge.com ko abana n’abagore bahungiye mu mashamba, ndetse kandi ko amazu yatwitse, n’inka tutarabasha kumenya umubare zikaba zanyazwe.
Uwo muyoboai avuga ko izo nzu zahiye ingabo za FARDC zirebera, ibintu abona ko ari ubugambanyi bw’ingabo z’igihugu. Yagize ati” turibaze ukuntu ingabo za leta zabaye indorerezi mu bikorwa nka biriya bigamije kurimbura ubwoko.”
Umuvugizi wa FARDC mu gikorwa bise Sokola 2 Sud, Cap Kasereka, yatubwiye ko nta makuru abifiteho ubwo yavuganaga n’umunyamakuru wacu, atwemerera kugira ico abivugaho mu gihe kitarenze amasaha 24.
Iyi mirwano yongeye kandi kwibasira Mibunda nyuma y’igihe kitarenze amayinga abiri nanone aka karere getewe n’abarwanyi ba Mai Mai bayobowe na Gen Ebuila bafatanije n’inyeshamba zivuga ururimi rw’ikirundi. Kuva mu kwezi kwa Gatatu, abantu bagera mu majana nibo bamaze kugwa mur’iyi mirwano, inka zishika ku 28’000 zikaba zaranyazwe izindi zirapfa, ndetse n’imihana myinshi cane iratwikwa.
Muraho!Amakuru yanyu muri hautplateaux ya Minembwe?
Umfashe niba bishoboka umpereze umubare .
1.Imihana yatwitswe?
2.Abantu bamaze kugwa muriyo mirwano kuva yatangira?
3.Inka zimaze kunyagwa,hamwe nizishwe namasasu?