Mikenke: Abasirikare batatu bakomerekeye mu gitero c’inyeshamba za mai mai…

0
26

MIKENKE, MINEMBWE – Mugitondo c’uyumunsi nagatatu ku minsi 31/01/2018 inyeshamba za mai mai zagabye igitero ku ngabo za leta ya Congo (FARDC) bakorera mu Mikenke, territoire ya Mwenga, collectivité ya Itombwe. Iki gitero cabaye ku gihe c’isaha icumi n’imwe ni minota mirongo itatu, mugicuku (5:30am).

Umwe mu banyamakuru bacu ukorera mukarere ka Minembwe yaganiriye n’umwe mu baturage bo mu Mikenke amubwira ko habaye mugitondo igihe cy’isaha icumi n’imwe ubwo abarwanyi b’inyeshamba za mai mai bateraga ikambi ya gisirikare ya FARDC ikorera mu Mikenke. Muri iyo mirwano inyeshamba za mai mai zaje kurasa mo abasirikare batatu ba leta ya congo barakomereka cyane.

Nyuma yaho nibwo izo nyeshamba zaje kwirukana abo basirikare kuko zaje zifite imbaraga ninshi. Izi nyeshamba zaje guhagarika imirwano aho zashikiye hagati ku ikanisa rya méthodiste libre zihamagara abaturage aho zakoreye inama y’imishikirano yahagarariwe n’umukuru wizo nyeshamba za mai mai, Mutotezi Kibwikira maze avuga ko batarwanya umuturage uwariwe wese uwariwe, haba: Umunyamurenge, Umupfurero, Umunyintu, cangwase Umubembe. Yavuze ko ahubwo barwanya leta ya congo.

Abitabiriye iyi nama yayobowe n’izi nyeshamba babajije izi nyeshamba uko icama cabo citwa maze abasubiza ko adashobora gusubiza ico kibazo ariko ko bahagaze mu mpande zombi, kuko ico bashaka ari amahoro ku baturage ba Congo. Nyuma yiyo nama berekeje mu Gipupu.

Tubamenyeshe ko abo basirikare bakomeretse bajanwe mubitaro bikuru byo mu Mikenke ariko bivugwa ko bakomeretse cane, kandi ko bakomeje gukurikiranwa n’abaganga.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here